Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hillary Clinton : Umugore wa mbere akundwa n’abanyamerika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Hillary Clinton : Umugore wa mbere akundwa n’abanyamerika

Hillary Clinton : Umugore wa mbere akundwa n’abanyamerika

mardi 30 Kigarama 2014

Uwahoze ari umunyamabanga mukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, Hillary Clinton, yatowe nk’umugore akundwa cane n’abanyamerika, mu matohoza yakozwe n’igisata Gallup

Igisata Gallup (Institut Gallup) cakoze urutonde rw’abantu bakundwa cane kurusha abandi mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, nk’uko cama kibikora uko umwaka utashe. Ku bantu bangana 805 babajijwe baba muri ico gihugu, basanze ibice 12 kw’ijana vy’abantu batoye Hillary Clinton nk’umugore akundwa cane kandi azwi n’abantu benshi (populaire). Ico gisata cashize imbere abantu bazwi (populaire) muri ico gihugu nka Hillary Clinton, Oprah Winfrey ari nawe yafashe ikibanza ca kabiri.
Hillary Clinton akaba afise imigambi yo kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu mwaka w’2016.

JPEG - 1.2 Mo
Hillary Clinton

Ku ruhande rw’abagabo, Barack Obama yatowe n’ico gisata nk’umugabo akundwa cane muri ico gihugu, bikavugwa ko Barack Obama ariwe yama atorwa muri ico kibanza kuva mu mwaka w’2008.


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.