Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hiroshima : Imyaka 68 irarangiye ibara riguye mu gihugu c’Ubuyapani - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Hiroshima : Imyaka 68 irarangiye ibara riguye mu gihugu c’Ubuyapani

Hiroshima : Imyaka 68 irarangiye ibara riguye mu gihugu c’Ubuyapani

mardi 6 Myandagaro 2013

Hari kw’igenekerezo rya 6 Myandagaro 1945, igihe ibombe ya mbere y’ubumara yaterwa i Hiroshima mu burengero bw’igihugu c’Ubuyapani, ihitana abantu isinzi n’ivyari aho muri ako gace k’ubuyapani biratikira.

Bamwe mu bacitse kw’icumu, abahaburiye ababo n’ivyabo, abategetsi b’igihugu c’Ubuyapani n’izindi ntumwa zidasanzwe bari bishikiye ahabereye iryo bara uno munsi, isaha zibiri zo mu gitondo, isaha zitanu z’ijoro kw’isaha mpuzamukugu, baca bafata umunota umwe w’agacerere wo kwibuka ivyabaye mu mwaka w’1945, igenekerezo 6 Myandagaro, igihe umwihevyi w’umunyamerika, Enola Gay yarekura ibombe y’ubumara yari afise, ihindura igisagara icobo c’ubumara. Abantu bagera ku 140 000 bakaba baciye bahasiga ubuzima ubwo nyene, abandi bapfa bivuye ku myuka y’ico kibombe igihe caterwa, n’abandi bapfuye ukwezi kwa Kigarama kw’uwo mwaka nyene.

Ibombe yatewe i Hiroshima yaje ikurikira iy’i Nagasaki (mu bumanuko bushira uburengero), igenekerezo ry’i 9 Myandagaro, yahitanye abarenga ibihumbi 70. Ivyo bitero uko ari bibiri, vyatumye Ubuyapani bufatwa, indwano y’isi yose nayo ica irahagarara, igenekerezo rya 15 Myandagaro 1945.

Mw’ijambo ryiwe ry’uyu munsi bibuka ivyabaye mu mwaka w’1945, umukuru w’igisagara ca Hiroshima, Kazumi Matsui yavuze ko bagiye kwitanga bimwe biboneka, mu gushigikira abacitse kw’icumu kugira ivyabaye ntibisubire kuba, batibagiye kwubaka igihugu kirangwamwo amahoro.

Uwo munsi wo kwibuka imyaka 68 ihaciye, ibombe y’ubumara itewe mu gihugu c’Ubuyapani uhuriranye n’umunsi i Yokohama (mu bumanuko bwa Tokyo) ubwato bunini budasanzwe bw’igisirikare bwarekurwa gukora ku muguragaro n’Ubuyapani, kuva intambara ya kabiri y’isi yose iheze. Ubwo bwato bufise imetero 248, bugashobora no kwakira indege zo mu bwoko bwa helicopiteri zishika icenda.

Mwokwibuka ko ibombe y’ubumara yatewe i Hiroshima haraciye imyaka 68, yahitanye abantu isinzi kandi n’ubu hakaba hakicibonekeza abana bavukana ubumuga bivuye ku vyuka vy’ico kibombe catewe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.