Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hoba hariho imfungurwa ngirakamaro kurusha izindi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Hoba hariho imfungurwa ngirakamaro kurusha izindi

Hoba hariho imfungurwa ngirakamaro kurusha izindi

mercredi 11 Kigarama 2013

Kugira umuntu agire amagara meza, akenera ivya nkenerwa bitari bike mu mubiri, mu mibereho yiwe ya minsi no muvyo afungura. Imfungurwa nazo, zimwe zimwe zikaba zifise ingaruka zisangije mu mubiri bivanye n’ivyo umuntu aba yashimye gufungura.

Nk’uko bisigurwa n’abahinga mu bijanye no gufungura (Nutritionistes), gufungura ivya nkenerwa ni kimwe mu bishobora gutuma umuntu agira amagara meza, kandi bikaba ngirakamaro mu mubiri. Ivyo navyo bikaba bitandukanye cane no gufungura gusa kugira inda yuzure.

Muti none imfungurwa ngirakamaro zoba ari izihe?

Umuhinga mpuzamakungu Isabelle Djossa asanzwe ari no mu mugambi SUN (Scaling UP Nutrition) mu Bururndi, avuga ko imfungurwa zose ari iza nkenerwa mu mubiri. Ivyankerewa akaba ari uko gusa abantu bozifungura atandenzarugero zihabaye, canke bazifungure mu buryo budakwiye.
Umuhinga Isabelle Djossa abandanya avuga ko umubiri kugira ukurane amagara meza ukeneye ivyankerwa bitandukanye mu vyunyunyu no mu ngaburo. Nk’akarorero, mu ngaburo umubiri ukenera iminsi yose, hariho imfungurwa ziri mu bwoko bw’ama "macronutriment" dusanga mu mfungurwa ndemamubiri (ibiharage, amagi canke amata), nsanganyangaburo (imboga n’ivyamwa) na ntanganguvu (Umuceri, ibiraya, imyumbati). Ubwo bwoko bwose bukaba bufise ingaburo zabwo zisangije butanga mu mubiri. Hagize ubwoko bubura, ni hamwe uca usanga umuntu hari uturwara dukunda kumukarira kurusha utundi kuko aba atingikiye bikwiye mu mfungurwa yihereza.

Hari n’izindi mfungurwa ziri mu bwoko bw’ama "micronutriment", arivyo vyunyunyu umubiri ukenera iminsi yose. Aho twovuga nk’ivyunyunyu vya Fer (inyama z’indani mu bikoko nk’igitigu, umushishito), iode (umunyu, amafi atandukanye), Calcium (Amazi, imboga, amagi), Cuivre ( amacholora yirabura, inazi) n’ayandi mavitamine atandukanye nka A, B, C, D n’izindi.

Kugira umubiri rero aronke ivyankenerwa, n’uko umuntu yofungura ubwo bwoko bwose bw’indya busabwa. Ku bibaza ko ivyo vyoshobokera gusa abifise, umuhinga Isabelle Djossa amenyesha ko gufungura neza bidasaba kuba wifise ahubwo ko bisaba kumenya ivyankenerwa mu mubiri. “Abantu benshi bishwe no kutamenya, hari indwara zitari nke ziba zivuye ku kudafungura neza kandi bikwiye”. Harakenewe ko abantu bokwigishwa gufungura mu buryo bukwiye kandi bagafungura vya nkenerwa. Ikindi naco cigaragaje ku kudafungura bikwiye, ni ingeso yo kudafungura ku mwanya wagenewe. Iyo umuntu atagiye arakurikiza amasaha yagenewe gufungura, biragira ingaruka zitari nziza mu mubiri. Gufungura indya zikwije ingaburo zose n’ivyunyunyu bikwiye, birinda indwara zitari nke ziba ziturutse kugufungura nabi. Aho mwokwibuka ko indwara y’amacinya ari imwe mu ndwara ikunze kwibonekeza mu Burundi ituruka ku kudafungura ivyankererwa kandi bikwiye. Hari n’indawra umuntu yikwegera atabizi kubera aba atafunguye uko bikwiye. Aho twovuga nko gurwara umushishito, kugira akamoto kabi mu kanwa, n’izindi.

Umuhinga Isabelle Djossa ahamagarira abantu kwama bafungura ubwoko bwose bw’imfungurwa ataco binuvye, na cane cane bakirinda gufungura ibifise amavuta menshi, kuko biri mu bituma imitsi y’amaraso idakora neza.

Mwokwibuka ko Uburundi buri mu bihugu bifungura nabi kw’isi, bukaba bugeze ku bice birenga kuri 50 kw’ijana vy’abafungura mu buryo budakwiye. Ico ni ikibazo kiri mu bikwiye kuraza inshinga umuntu wese kandi abantu bose bakwiye guhagurukira amazi atararenga inkombe.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.