Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hollande yanse kuja mu ndege imwe na Sarkozy - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Hollande yanse kuja mu ndege imwe na Sarkozy

Hollande yanse kuja mu ndege imwe na Sarkozy

mardi 10 Kigarama 2013

Mu gihe uno munsi w’igenekerezo rya 10 Kigarama ariho amakungu aja gusezera ubwa nyuma Nelson Mandela, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande yarahiye kuja mu ndege imwe n’uwo yasubiriye ku ntebe, Nicolas Sarkozy.

Nk’uko amakuru ava hafi ya Hollande abimenyesha, Hollande yanse gufatana urugendo na Sarkozy rwo gushika mu gihugu ca Afrika y’epfo ahaza kubera ibirori, ku mvo z’ubuhinga, n’uburyo, eka ngo bisanzwe bitonashoboka ko bogenda mu ndege imwe. François Hollande nk’umukuru w’igihugu, aba afise abamuherekeza. Ayo makuru abandanya amenyesha ko Sarkozy yaciye arondera iyiwe hama bagahurira i Johannesburg kuri uno munsi wa kabiri.

Abategetsi bo muri Afrika y’epfo barasavye uwahoze arongoye Ubufaransa Nicolas sarkozy kuja kwifadikanya nabo muri ivyo birori vyo kwunamira Nelson Mandela, niko Sarkozy guca yiyumvira kwiheka ku wamusubiriye ku ntebe maze amwunguruze, ariko Hollande yasanze bitokunda kuko afise abandi bijana, ata kibanza ca Sarkozy gishobora kuboneka. Ivyo rero vyatumye uwo wa nyuma aca arondera iyiwe, ariko ngira indege yiwe ituzuye ntihabura abo yunguruza gushika aho muri Afrika y’epfo.

Francois ajana na bamwe mu bari mu nzego z’igihugu arongoye, abo ni nk’umushikirangaji w’imigenderanire n’ayandi makungu Laurent Fabius, uw’ubutungane Christiane Taubira, uwurongoye PCF (Parti Communiste Français), Musenyeri mukuru wa Dioseze y’i Cayenne Emmanuel Lafont, n’uwurongoye urukino rwa Rugby, Board Bernard Lapasset. Abo rero binjiye mu ndege y’ubwoko bwa Falcon ngira yoca yuzura. N’aho abo vyabananiye kujana, Barack Obama wewe yafatanye urugendo n’uwahoze arongoye igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika Georges Bush mu ndege imwe "Air Force One"


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Erega Obama arazi ko kuri iyi si arukwitonda, arazi ko a ha kwisi arukurengana gusa kandi arazi ko isi izunguruka nico gituma yicisha bugufi nayo abobandi bigize ibigigwamana emwe isi irababona.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.