Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hosni Moubarak yagirizwa kunyuruza amatunga y’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Hosni Moubarak yagirizwa kunyuruza amatunga y’igihugu

Hosni Moubarak yagirizwa kunyuruza amatunga y’igihugu

jeudi 20 Ruhuhuma 2014

Hosni Moubarak yahoze ari umukuru w’igihugu ca Egypte yaritavye sentare ku munsi w’ejo kuwa gatatu, ku caha yagirizwa ko yanyuruje amatunga ya Reta. Ico caha uwahoze ari umukuru w’igihugu Hosni Moubarak yagirizwa, kibaye ikigira kane harimwo n’uguhamagarira abanyagihugu mu migumuko.

JPEG - 33.3 ko
Hosni Moubarak yarahakanye ivyo yagirizwa

Ku myaka 85 y’amavuka, Hosni Moubarak n’abahungu biwe babiri aribo Alaa na Gamal bagirizwa kuba baranyuruje amafaranga arenga imiriyoni cumi z’amafaranga y’amanyaburaya (hafi imiriyaridi 19 z’amafaranga y’amarundi). Ayo mafaranga Hosni Moubarak n’abahungu biwe bagirizwa yari agenewe ibikorwa vyo ku kirimba c’umukuru w’igihugu.

JPEG - 30.8 ko
Alaa na Gamal, abahungu ba Hosni Moubarak

Hosni Moubarak yarahakanye ivyo yagirizwa. Yamenyesheje ko atavyo yigeze akora, ahubwo ko ivyo yagirizwa bitagira ifatiro. Mu mwaka w’2012, Hosni Moubarak yari yaciriwe umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose yagirizwa icaha co guhamagarira abanyagihugu mu migumuko yahitanye ubuzima bw’abantu benshi. Yarunguruje abona gutsinda urubanza. Mu kurindira ingingo sentare izofata, Hosni Moubarak apfunzwe ic’amaso mu bitaro biri i Maadi, mu gasagara kari i Kayiro muri Egypte.

Inyuma y’ivyaha Hosni Moubarak akurikiranwako, hari n’ibindi bibiri vy’igiturire yagirizwa, ariko ibirego ntibirashikanwa mu butungane.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.