Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiciro vy’ibiribwa vyaraduze mw’isoko ya Kinindo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ibiciro vy’ibiribwa vyaraduze mw’isoko ya Kinindo

Ibiciro vy’ibiribwa vyaraduze mw’isoko ya Kinindo

dimanche 3 Ntwarante 2013

Abadandaza bavuga ko badugije ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa nk’ibiribwa n’ibindi kubera amafaranga y’amarundi nyataye agaciro ugereranije n’amadolari. Kindi naco ngo n’uko ibiribwa bimwe bimwe bikenye hamwe n’uko isoko nkuru ya Bujumbura yahiye.

I kilo c’umuceri bavuga ko uva muri Tanzaniya wavuye ku mafaranga 2300 FBU mu ndwi zibiri ziheze kija ku mafaranga 2500 FBU ,i kilo c’ ibiharage bisa n’umuhondo bita Jaune cavuye ku mafaranga 1500 FBU kija ku mafaranga 1600 FBU, i kilo c’ubushaza cavuye ku mafaranga 2700 FBU kija ku mafaranga 2800 FBU. N’ibindi biribwa nk’ibitoke, ibihaya, imyumbati, imboga n’ivyamwa ni nk’uko, hiyongereyeko amafaranga ari hagati y’100 FBU na 200 FBU.

Ariko rero ibiribwa vyaduze igiciro vyinshi ni ibiva hanze y’u Uburundi. Abadandaza babizana bavuga ko ahanini vyavuye ku mafaranga y’agaciro yaduze cane ugereranije n’amarundi. Batanga akarorero kuma dolari n’amanyabulaya Euro. Ngo iyo bagiye kurangura ibintu vyabo hanze bategerezwa kuvunja amarundi kugira baronke amadolari, amarundi nayo yaramaze igihe yataye agaciro maze bigatuma batanga amarundi menshi ariko bakaronka ayagaciro make.

Ikindi naco bavuga ngo n’uko isoko nkuru ya Bujumbura yahiye n’ivyarimwo vyose bituma abadandaza basigara bifumbereje atamafaranga yo kurangura bafise. Gutyo, ngo ibidandazwa bica bikena kubera n’abadandaza ata mutahe wo kurangura basigaranye, iyo bikenye rero ababirondera ari benshi ngo bica biduga igiciro. Kandi noneho ibidandazwa vyahiriye mw’isoko nkuru ya Bujumbura ni vyinshi kuburyo kubisubiriza ku masoko bizotwara igihe kirekire. Kandi ngo n’abahora basumira mw’isoko nkuru ya Bujumbura bose baca baja mu yandi masoko matomato n’iyo ya Kinindo irimwo.

Eka ngo n’umwimbu waragabanutse ugereranije n’uwari wabonetse ku mwaka uheze.
Abasumira muri iyo soko ya Kinindo twaganiriye bavuga ko barengewe n’ibiro vyabaye ikirenga. Nk’uwahora akoresha ibihumbi 2 ku munsi ngo asigaye asumisha ayarenga ibihumbi 3. Ivyo biri uko mu gihe amikoro canke agashahara k’abakozi koko katiyongereye.

Basaba Reta ko yogerageza igakora uko ishoboye kwose kugira ibiciro mu masoko ntibisubire kuduga. Basaba ko hojaho umugwi wo mu bushikiranganji bw’ubudandaji woja uraraba ko ibiciro ku masoko bitabaye umurengera.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.