Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihugu bihamagarirwa guhimbaza umunsi mpuzamakungu w’urukundo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ibihugu bihamagarirwa guhimbaza umunsi mpuzamakungu w’urukundo

Ibihugu bihamagarirwa guhimbaza umunsi mpuzamakungu w’urukundo

vendredi 5 Nyakanga 2014

Inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yakoranye igenekerezo rya 5 Nyakanga mu mwaka w’2012 kugira yemeze ko iryo genekerezo ibaye burundu umunsi mpuzamakungu w’urukundo (journée mondiale de la charité).

Iyo nama igahamagarira ibihugu bihurikiye muri iryo shirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu yose canke yo mu karere, guhimbaza uwo munsi mpuzamakungu, mu gushimangira urwo rukundo, biciye mu kwigisha no guhimiriza.

Abibaza igituma hafashwe iryo genekerezo rya 5 Nyakanga, n’ukwibuka ko ari umunsi w’isabukuru y’urupfu rwa Mama Teresa w’i Calcutta (Mère Teresa de Calcutta), yitavye Imana mu mwaka w’1997.

Tubibutse ko Mama Tereza w’i Calcutta yari yihebeye Imana (religieuse). Yamaze imyaka 40 yitanga mu gukora ibikorwa vy’urukundo, mu gufasha abagowe, abagwaye, abatawe, abari ku mpfiro, akaba yatanguye kubikora mu gihugu c’Ubuhindi, hanyuma atandukira no mu bindi bihugu. Mama Tereza w’i Calcutta niwe yatanguje umurwi w’abihebeye Imana i Calcutta (congrégation des missionnaires de la charité à Calcutta). N’inyuma y’urupfu rwiwe bakaba barabandanije ibikorwa vyiza yatanguje, mu bihugu bishika 123, harimwo ibigo bifasha imiryango n’impfuvyi, amashure, ibigo vyakira abagwaye imibembe, Sida n’igituntu.
Ivyo bikaba vyatumye Mama Tereza w’i Calcutta acika kw’isi yose imboneza mu kugaragaza ibikorwa vy’urukundo n’uburwaneza mu gufasha imbabare n’abakene ruhebwa.


Nadège Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.