Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibikorwa vyo kwibuka abanyarwanda bahitanwe n’ihonyabwoko bizobera i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Ibikorwa vyo kwibuka abanyarwanda bahitanwe n’ihonyabwoko bizobera i (...)

Ibikorwa vyo kwibuka abanyarwanda bahitanwe n’ihonyabwoko bizobera i Bujumbura

mercredi 19 Ruhuhuma 2014

Ubuserukizi bw’Urwanda mu Burundi buzotanguza ku munsi w’ejo kuwa kane ibikorwa vyo kwibuka ku ncuro ya mirongo ibiri ihonyabwoko ryakorewe abatutsi rihitana abanyagihugu barenga umuriyoni. Ibikorwa bitandukanye vyaratunganijwe, bikazotangura ku munsi w’ejo, gushika ku genekerezo rya 7 Ndamukiza, umunsi mu gihugu c’Urwanda bibuka ihonyabwoko ryakorewe abatutsi.

Mw’itangazo ryasohowe n’ubuserukizi bw’Urwanda mu Burundi, Désiré Nyaruhirira, umutunganyabikorwa muri ubwo buserukizi yamenyesheje ko bazotanguza ku munsi w’ejo kuwa kane ibikorwa vyo kwibuka abantu barenga umuriyoni bagizwe n’abagabo, abagore n’abana bagandaguwe mw’ihonyabwoko ryakozwe kuva ku genekerezo rya 7 Ndamukiza 1994, gushika kurya 4 Mukakaro 1994. Uwo munsi w’intibagiranwa ku banyarwanda wama wibukwa ku genekerezo rya 7 Ndamukiza, batanguye kuwitegurira kare kuko hatunganijwe ibikorwa bitandukanye nk’ugucana urumuri rutazima, ibiganiro, hamwe n’intahe z’abacitse kw’icumu.

JPEG - 40.7 ko
Désiré Nyaruhirira, umutunganyabikorwa mu buserukizi bw’Urwanda mu Burundi

Désiré Nyaruhirira, umutunganyabikorwa mu buserukizi bw’Urwanda mu Burundi amenyesha ko muri iyo minsi yose bazomara kaba ari akaryo ko kwibuka abahitanwe n’ihonyabwoko, kugarukira ku babuze, kuja hamwe kugira baharanire ko ivyashikiye igihugu c’Urwanda mu mwaka w’1994 bitosubira. Muri ukwo kuganira kuri kahise k’igihugu c’Urwanda, Désiré Nyaruhirira asigura ko bereka abanyarwanda n’amakungu ko barengeye ivyashitse bafata intumbero yo guteza imbere ubutunzi, iterambere hamwe n’ukwiyunga kw’abanyarwanda.

Ivyo bikorwa vyo gutanguza kwibuka ku ncuro ya mirongo ibiri abahitanywe n’ihonyabwoko ryakozwe mu Rwanda mu mwaka w’1994 bizobera i Bujumbura kuri Hotel Royal palace, ku munsi w’ejo kuwa kane igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2014, kuva isaha icenda z’umuhingamo. Mu batumire bazoba bitavye ako kamo, twobabwira nka Reta y’Uburundi, abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, umuryango w’ubumwe bwa Afrika hamwe n’abanyarwanda baba mu Burundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Yego nivyiza kwibuka benewacu bishwe urwagashinyaguro.rwose barundi zinduka muje kwibuka inzirakarengane zahitanwe na jonoside.kandi muje mutanga amakuru kuri buri muntu wese mwoba muzi canke mutange amakuru kuyo wese yoba yagiz’uruhari muri ruriya yica rubizo ryakorewe benewacu.zinduka kare.

  • Ivyo vy’ihonyabwoko vyabaye nu RWANDA,Jewe ico nokwiyunvira kur’ivyo,hari hakwiye kubaho guhariranira,hakubakwa bushasha imitima y’abantu,kuko baciy’umugani ngw’intibagira ntibana,ngw’ihorihori imar’umuryango,uzosanga ar’ukubiba urwanko mubana,URWANDA n’UBURUNDI duseng’Imana itwibagiz’ivyo,ndavye aho mperereye muri CIBITOKE ahantu bita mu GIKOMERO,hari ahantu bari barubatse Yorodani yo kubatirizamwo muntambara zabaye abasoda barajabutse bica abantu babarunda muri yorodani,ivyo n’ukuri gusesuye.Uburindi bwari kwitwara,ariko iyaba narimfis’ubushobozi nari gukorany’Urwanda n’Uburundi,nkavuga nti ngo twibagire ivyabaye,dusabe Imana y’imbabazi izohana abanyavyaha abe ariyo itangimutima yokubabaranira,kuko yoyo ntiraba kabantu,ariko izohana abanyavyaha.murakoze.

  • Nivyiza kwibuka abafuye ariko mwibuke nihonya bwoko yakorewe abahutu mu gihugu ca CONGO rigizwe nu butegetsi bwu RWANDA

  • Imana Iharire abatutsi bo mu Rwanda,mbega komugiye kwibuka abatutsi abahutu mwishe nabo muzobibuka ryari,mwishe abahutu kuva mu Rwanda,Kongo ni Burundi mutako muhekura Uburundi nAbarundi mukwica President Ntaryamira,mugira nuruhara mukwica Nyakubahwa Ndadaye Melchior,ubumuje kudukindaga ngo mwibukir abatutsi bishwe iwanyu mugihugu cacu,ndatangaye kubona Leta y Uburundi yemera kwishano nkiryo ribera mugihugu c Uburundi,ahubwo Ararundi tube maso kuko ivyobintu bije gukorerwa ngaho iwacu nivyo badukoreye ntibibaho,ahubwo bazosigure aho bamushize Prezida Ntaryamira n Abahutu bishe mu CIBITOKE nahandi,nawe TOLLO ntugasubire guhamagarira ABARUNDI ibyo ngibyo

  • Jewe abakora kwiki kinyamakuru mazimisi itatu baramfatiye ibihano vyo kutareka ivyiyumviro ntanga ngobirengane ariko abandika ko perezida wu Burundi umutwewiwe ngurimwo amazi barareka ubufuti bwabo bukarengana, ibindavyanditse nziko bitaribirengane ariko nshatse mwebwenyene mwishirire kumunzane ivyonandika bitaribibi gusumba abita umukuruwigihugu umutwewiwe urimwamazi canke bakavugako umukuru wigihugu ariko arategura kwica abarundi bomubwoko bwabatutsi nimwibuke ko ivyomwabiretse bikarengana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.