Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu abasore bakwiye kwirinda bagitangura kuresha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibintu abasore bakwiye kwirinda bagitangura kuresha

Ibintu abasore bakwiye kwirinda bagitangura kuresha

jeudi 24 Nzero 2013

Hari ibintu abantu badakwiye kuza baravuga iyo bariko bararesha

1.Nko kuvuga ngo:

-Mukobwa, mwarantwaye umutima.

ivyo biboneka ko umengo ni icese ariko sivyiza kubivuga ugitangura kuresha.

-Urashobora kumpenda ariko umengo ndamaze kukubona ahantu.

Aho,umukobwa aca abona ko umubeshe kuko iyaba arivyo aba avyibuka.

-Urazi ko usa n’umuntu twahora dukundana!

Ivyo ni bibi cane kuko abakobwa ntibakunda gusa na gato n‘abandi kuko uc’umengo wamukunze kubera basa n’uwo yahora akunda.

-Tuzogira mariage ryari?

Iyo ugitangura kuresha,kirazira kwihutisha ibintu.

-Ndafise ibintu vyose vyotuma ubaho neza.

ni vyiza kuvuga amajabo aryoshe ariko gushiramwo indenzarugero no kubesha ukavuga nivyo udafise.

-Umugenzi wawe yaranyanse none, nshaka basi ndabe ko wewe vyokunda.

Aho vyerekana ko utamukunda na gato ko uje iwe kuko uwundi yakwanse.

-kubwawe, noja nkumpera y’isi.

imbere yo kuvuga amajambo menshi, ubanza kumenya ivyo akunda si abakobwa bose bakunda umuntu bajana kumpera y’isi bataramumenya neza.

-ooooh! maman wanje azogukunda.

Gutangura kuvuga ivya maman wiwe ata kintu muragerako biratuma umukobwa yibaza ko uri “umuhungu wa nyina”.uca umengo azokwemera maman wiwe akwemeye canke ko agukunze kugira maman wiwe aryoherwe.

-hmmm!biraboneka ko woba uri umuntu mwiza.

Aho uba umweretse ko umukundiye taille yiwe canke igihagararo ciwe.


Grace Irimbere

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.