Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibinyoma 10 bikunze kwibonekeza ku bagore - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibinyoma 10 bikunze kwibonekeza ku bagore

Ibinyoma 10 bikunze kwibonekeza ku bagore

mardi 4 Ruheshi 2013

10. Ibara ry’umushatsi w’umukenyezi

Umukenyezi iyo yasize akantu mu mutwe gatuma umushatsi wiwe ugira ibara ryiza, hakagira umugabo amubwira ati : « Mu pfaso, umushatsi wawe urirabura neza? » Ahejeje kukwishura ati urakoze, aba yiteze ko womubaza ko uyo mushatsi ari rwiwe, ico kibazo rero mu kucishura n’akanyamuneza kenshi, azokubwira ati EGO ni rwanje kandi yasizemwo amavuta y’umuzige. Ukaba shaka ku muhinyuza, uze ukubitize akajisho munsi harya uriko uraduga, uzokwibonera ukuri.

9. Uko igikiriza cabo kiremye

Bivanye n’uduhuzu bambara munsi dutuma igikiriza cabo kinezera abo baja guhura, abigeme benshi rero ntibavugisha ukuri ku bijanye n’igikiriza cabo. Abo kidateye neza, bagerageza ku kigira neza, abo giteye neza nabo bagerageza kukigira neza kuruta. Ibice 9 kw’ijana vy’abigeme bagizweko icirwa basanze batigera bavugisha ukuri kubijanye n’igikiriza cabo kigizwe cane cane n’amabere.

8. Ibiro

Ibice 12 kw’ijana vy’abigeme barabesha ibiro vyabo. Abavyibushe cane cane nibo babesha mu kubigabanya, canke abafise bike bakabirwiza bivanye n’imico y’ibihugu vyabo, kuko ku bijanye n’ubwiza bw’abagore canke abigeme, bivana n’imico y’ibihugu. Hari abagabo bakunda abavyibuse, n’abandi bakunda abonze bivanye n’ibihugu.

7.Kurenga ibigo

Abagore canke abigeme bagera ku bice 16 kw’ijana, basanze batigera bavugisha ukuri iyo babajijwe n’abagabo babo canke abakunzi babo, ko imbere y’uko bakundana boba barigeze kurangura amabanga mpuza bitsina, aho rero bivurwa ko badakunda kuvugisha ukuri.

6. Imyaka

Burya kubaza imyaka abagore canke abigeme ngo ni ukwubahuka, ndetse nta bushingantahe burimwo kubaza imyaka abakenyezi. Ukaba ukeneye kumenya imyaka yabo, uraheza ukayironderera wewe nyene, ukamubaza nk’akarorero amashure yize, imyaka yayize bukebuke, aho usanga wayimenye ufashe imyaka yo gutangurirako amashure muri rusangi ugashirako imyaka yize, igitigiri uba ugitoye utamubajije yose hamwe. Ibice 18 kw’ijana vy’abagore ntibavugisha ukuri imyaka yabo.

5. Ubutunzi

Umugore umwe kuri bane ni ukuvuga ibice 25 kw’ijana ntibavugisha ukuri ku bijanye n’ubutunzi bwabo, benshi babusubiza inyuma kugira ntibaheve batera abagabo babo canke abo bakundana guhagarika ico babaha.

4.Akazi

Ubuzi abakobwa bakora ntibakunda kubuvuga uko buri, rimwe na rimwe bagerageza kubuha iyindi mforo. Arakagira kabi kari keza kugira arabe ko hari ico womufasha, mu kumuronderera heza haharuta. Kuri abo rero ibice 28 kw’ijana usanga babatavugisha ukuri ku bijanye n’ubuzi.

3. Impuzu batunze

Ibice 33 kw’ijana vy’abagore babajijwe, basanze bagabanya rwose impuzu batunze, ivyo babikora kugira abagabo babo ntibahave bababuza kuguma bagura izindi, kuko abagore benshi, bakunda gusuma ibintu, barakunda kubona isandugu yabo yuzuye.

2. Icatumye ahebana n’umugabo wiwe

Ibice 38 vy’abagore babajijwe, basanze, uretse ko badakunda kubazwa ico bapfuye n’abagabo babo, badakunda kandi n’ukuvugisha ukuri ico bapfuye. Barahora, naho womubaza, ntaguha inyishu itomoye ku bijanye n’ikibazo umubajije.

1 Abagabo bamaze kurangurana amabanga mpuza bitsina

Ibice 52 kw’ijana vy’abagore, ntibemera igitigiri c’abagabo bamaze kurangurana amabanga y’abubatse. Iyo hagize n’uwumubona canke n’uwoba azi kahise kiwe, nk’abagabo yoba yaragendanye n’abo, yumva ari nk’igitutsi kuri we.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.