Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika yemeje ibipimo bishasha binyaruka mu gusuzuma Ebola - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Amerika yemeje ibipimo bishasha binyaruka mu gusuzuma Ebola

Amerika yemeje ibipimo bishasha binyaruka mu gusuzuma Ebola

mardi 30 Kigarama 2014

Ibipimo binyaruka kandi vyoroshe no gukoresha mu gusuzuma ibimenyetso vy’indwara ya Ebola vyaraye vyemejwe n’igisata kiraba ivy’imiti muri Reta zunze ubumwe za Amerika, FDA (Agence américaine du médicament).

Umurwi w’abavuzi baturuka mu gihugu c’Uburusiya baraye bemerewe n’igisata c’ubuvuzi kiraba ivy’imiti muri Amerika, FDA kugoresha ibipimo binyaruka mu gupima umugera wa Ebola, ibipimo vyiswe "Light Mix Ebola Zaïre test".
Mw’itangazo ryasohowe n’umuyobozi w’igisata kigenzura ivyo gupima indwara co mu Burusiya, Roland Diggelmann, bavuga ko ivyo bipimo bishasha, ari ibipimo binyaruka gukoresha, bifasha n’abaganga kubona n’ingoga ko umugera wa Ebola woba uri mu maraso, ivyo navyo bigaca bibatuma bashobora kuyivura hakiri kare.

Tubibutse ko ibipimo bisanzwe bikoreshwa vyo gupima umugera wa Ebola mu bihugu vyo muri Afrika y’Uburengero bigeramiwe n’ico kiza, bisaba uburyo bwinshi muri ico gikorwa bigasaba hafi n’amasaha atandatu imbere y’uko baronka inyishu yivyo baba bapimye.

"Light mix", uburyo bushasha bwaraye bwemejwe bwo gupima umugera wa Ebola, akaba ari uburyo bubonetse nk’intambwe ya mbere ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, OMS yari yaripfuje kugerako.
Ubwo buryo rero bwo gupima Ebola, bugasaba ko umuntu afatwa gusa amaraso ku rutoke, inyishu z’ivyo baba bapimye zikaboneka inyuma y’iminota mirongo itatu gusa.

Mwomenya ko ikiza ca Ebola, muri rusangi kimaze guhitana abantu bashika ku 7 708, mu biharuro vyerekanywe n’ishirahamwe OMS, hamwe n’abandi gushika ubu badasiba kwibonekeza bayanduye ku munsi ku munsi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.