Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibisigi vya Nelson Mandela biracateye impari - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibisigi vya Nelson Mandela biracateye impari

Ibisigi vya Nelson Mandela biracateye impari

mercredi 6 Myandagaro 2014

Uwahoze ari umukenyezi wa Nelson Mandela asaba ubutungane kumukomoreza inzu yaguranye n’uwo bari basanzwe bubakanye iri i Qunu.

Inyuma y’amezi atandatu Nelson Mandela aryamiye ukuboko kw’abagabo, ibijanye n’ibisigi vyiwe n’ubu ntibiratungana. Winnie Madikizela-Mandela umukenyezi wa kabiri wa Mandela, akaba asaba ubutungane bwo mu gihugu ca Afrika y’Epfo kumukomoreza inzu baguze igihe bari bacubakanye n’umushingantahe wiwe. Nk’uko bishikirizwa n’abashingwamanza biwe, uwo mukenyezi ntaco yashoboye kuronka ku bisigi vy’uwo bahoze bubakanye, mu gihe nawe hari ivyo baguze babana. Umwe mu bamuburanira Mvuyo Notyesi akavuga ko naho bari barahukanye, ivyo baguriye hamwe vyategerezwa kwegukira uwo mupfasoni n’abana biwe, nk’uko biri mu gitabo c’ingo n’imiryango co muri ico gihugu, iyo umwe mu bubakanye atakihari.

Winnie Madikizela-Mandela akaba ari mu bantu bacubashwe muri ico gihugu ca Afrika y’Epfo, bivanye n’ivyo yakoze mu gutuza intwaro karyanisha miryango, yahitiye igisibije muri ico gihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.