Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yarakiriye uwuserukira Nigeria - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yarakiriye uwuserukira Nigeria

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yarakiriye uwuserukira Nigeria

mercredi 23 Nzero 2013

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza, yarakiriye mu biro iwe uwugiye guserukira igihugu ca Nigeria Odi O Nwosu.

Nkuko umuvugizi w’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yabimenyesheje inyuma y’uwo mubonano wabaye kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 22 Nzero 2013,ngo muri uwo mubonano baraganiriye ibijanye no gukomeza ubucuti hagati y’u Burundi na Nigeria na cane cane mu bijanye n’ubutunzi n’amasoko ntanganguvu.

Mu gihe rero uwo aserukira igihugu ca Nigeria m’u Burundi asanzwe yarakoreye mugisata co kuzana imitahe,yamenyesheje ko agiye gufasha mu guhamagarira abanyamitahe bo muri Nijeriya ngo bazane imitahe yabo mu gisata c’amasoko ntanganguvu.

Uwuserukira igihugu ca Nigeria yaciye amenyesha ko yasubiye gutanguza amasezerano yo kuzana igitoro m’u Burundi kivuye mu gihugu ca Nigeria.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.