Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ifoto ya Beyonce yihamvye mu musenyi irateye ibibazo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Ifoto ya Beyonce yihamvye mu musenyi irateye ibibazo

Ifoto ya Beyonce yihamvye mu musenyi irateye ibibazo

mardi 13 Nzero 2015

Umuririmvyikazi Beyonce yashize ku rubuga rwiwe rwa instagram ifoto yiwe ituma abantu bibaza ko yoba afise inda yo gukurikiza Blue Ivy afise imyaka itatu.

JPEG - 71.2 ko
Beyonce yihamvye mu musenyi aboneka ko yoba afise inda

Beyonce yarashize ahabona ifoto yiwe ku rubuga rwiwe rwa instagram, mu gihe ari mu buruhuko n’umuryango wiwe. Iyo foto ikaba yarateye ibibazo abantu benshi, yerekana Beyonce aryamye mu musenyi bawumurunzeko ku mubiri wiwe, mugabo mu nda bari bamushizeko umusenyi mwinshi ku buryo bimera nk’umugore afise inda. Ivyo rero bikaba vyatumye abantu bibaza ko Beyonce afise inda, kandi ko iyo foto ari uburyo bwo kumenyesha abantu ko ari mu gukurikiza Blue Ivy, imfura yiwe. Si ivyo gusa, Beyonce amaze iminsi aboneka yambaye impuzu zimurekuye, mu gihe yari asanzwe akunda kwambara impuzu zimwegereye, ivyo navyo bikaba bimenyerewe ku bagore bafise inda.

Mweho muvyibaza ko iki?


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.