Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igice ca gatu c’ikurakurakuranamwo mu mirwi kigeze hari ibihugu vyamaze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Igice ca gatu c’ikurakurakuranamwo mu mirwi kigeze hari ibihugu vyamaze (...)

Igice ca gatu c’ikurakurakuranamwo mu mirwi kigeze hari ibihugu vyamaze gutekera imizigo

lundi 23 Ruheshi 2014

Muri Bresil inkino zikurakuranamwo zirabandanya, ibihugu biriko bihiganrwa igikombe c’isi yose uko ari 32, biratangura urukino rugira gatatu ku gihugu cose. Iki gice kije gusobanura imirwi izobandanya mu gice c’umunani c’amahiganwa, iyindi itekere isubire iwabo.

JPEG - 23.8 ko
Umunezero w’abakinyi ba Algerie batsinze Koreya Y’epfo

Inkino zaraye zibaye zahuje igihugu c’Ububirigi n’Uburusiya, hari igihe c’isaha cumi na zibiri (18h00), Igihugu Ububirigi bwatahukanye intsinzi y’igitsindo kimwe ku busa (1-0). Urundi rukino rwahuje Coreya y’Epfo na Algerie, aho ico canyuma catsinda ibitsindo 4 kuri 2 (4-2). Igihe cisaha zitandatu z’ijoro, Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zanganije na Portugal ibitsindo 2-2.

Ibihugu vyose uko ari 32, biramaze gukina inkino 2, hasigaye urukino rumwe ku gihugu cose kugira hamenyekane iyizobandanya mu gice c’umunani c’amahiganwa. Naho biri uko, hari ibihugu vyamaze gusezera amahiganwa naho bisagaje urukino rumwe. Inkino zo muri iki gice ca nyuma c’amahiganwa hagati mu mirwi zizohera ku munsi wa kane. Gishasha ni uko mu kiringo kimwe hakina imirwi ine, hahora hakina ibihugu bibiri gusa, ubu naho hazokina ibihugu 8, mu biringo bibiri gusa.

Ku rutonde rw’uno munsi, hatana mu mitwe ibihugu vya Australie na Espagne igihe c’isaha cumi na zibiri(18h 00), muri uwo mwanya nyene, Pays bas itana mu mitwe na Chili. Isaha zine hakina Bresil na Cemeroun, hamwe na Croatie iza gukina na Mexique muri ico kiringo nyene.

Mwomenyako hari imirwi igeramiwe no gusezera amahiganwa, kuko usanga kuva ikina itaratsinda na rimwe, hari iyifise ubusa (0) iyindi nayo ntirenza inota rimwe. Aha tuvuga ibihugu nka Cameroun, Espagne, Grece, Japon, Angleterre, Honduras, Bosnie-Herzegovine, Portugal, Ghana, Koreya n’Uburusiya. Ivyo biri mu mirwi yose irimwo ibihugu 32, bimwe birashobora kuzobandanya ibindi navyo bitekere.

Amwe mu mashusho yabonetse inyuma y’urukino rwahuje Algeriya na Koreya y’epfo


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.