Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igikombe c’isi yose 2014: Umurwi wa RDC wamenyesheje abazokina (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Igikombe c’isi yose 2014: Umurwi wa RDC wamenyesheje abazokina (...)

Igikombe c’isi yose 2014: Umurwi wa RDC wamenyesheje abazokina ikuranamwo

mercredi 29 Rusama 2013

Claude Le Roy, umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 27 bazokina mu bice vya kane n’ivya gatanu vy’ikurakuranamwo bahiganirwa kuja mu higanwa ry’igikombe c’isi yose c’umwaka w’2014 mu gihugu ca Brésil.

Muri izo nkino z’ugukuranamwo, umurwi wa Congo uzohura n’uwa Libye i Tripoli igenekerezo rya ndwi Ruheshi 2013, hama ukine n’umurwi wa Cameroun i Kinshasa, igenekerezo rya 16 Ruheshi, inyuma y’urukino rwa kivandimwe ruzobahuza na Guinée, ku genekerezo rya mbere Ruheshi mu bumanuko bw’Ubufaransa.

Claude Le Roy, umumenyereza w’umurwi wa RDC yahisemwo abakinyi 27 abona ko bashobora kumuronsa intsinzi yotuma umurwi wa RDC uduga ukava mu bikanza ca gatatu urimwo n’amanota ane inyuma ya Cameroun ifise amanota atandatu na Libye ifise amanpta atanu.

Urutonde rw’abakinyi 27 batumweko na Claude Le Roy n’imirwi baje bavamwo ni uru rukurikira :

Mw’igori hari Parfait Mandanda (Royal Charleroi/BEL), Nicaise Kudimbana (KV Ostende/BEL), Robert Kidiaba (TP Mazembe)

Abakina inyuma ni : Issama Mpeko (AS Vita Club), Jean Kiricho Kasusula (TP Mazembe), Landry Mulemo (Courtrai/BEL), Simbi Ebunga (AS Vita Club), Cédric Mongongu (Evian-TG/FRA), Gabriel Zakuani (Peterborough/ANG), Chancel Mbemba Mangulu (Anderlecht/BEL), Thierry Kasereka (AS Vita Club), Muselenge Ungenda (Daring Club), Katuku Tshimanga (Genk/BEL)

Abakina hagati ni Cédric Makiadi (Fribourg), Youssouf Mulumbu (West Bromwich Albion/ANG), Distel Zola (Havre AC/FRA), Trésor Mputu (TP Mazembe), Héritier Luvumbu (AS Vita Club), Kisombe Makuntima (Daring Club), Yannick Bolasie (Crystal Palace/ANG), Mundela Makusu (Belor), Yves Diba Ilunga (Al Raed Buraydah/ARS), Alain Kaluyitukadioko (Al Kharitiyat/QAT)

Abasatirizi nabo ni Junior Kabananga (Roselare/BEL), Dieumerci Mbokani (Anderlecht/BEL), Kazenga Lualua (Newcastle/ANG), Eric Bokanga (TP Mazembe).

JPEG - 11.4 ko
Kazenga Lualua akina muri Newcastle/ANG( uwo afise umupira): ni umwe mu basatirizi batumweko

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.