Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igisata c’uburimyi, kimwe mu bigiye kwitabwaho mu karere ka EAC - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Igisata c’uburimyi, kimwe mu bigiye kwitabwaho mu karere ka EAC

Igisata c’uburimyi, kimwe mu bigiye kwitabwaho mu karere ka EAC

samedi 25 Nzero 2014

Mu nama yahuje abashingamateka bo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, abo baserukira ibihugu vyabo muri iyo nama nshingamateka baremeje icegeranyo cashikirijwe n’umurwi ujejwe igisata c’uburimyi muri iyo nama nshingamateka.

Nk’uko vyashikirijwe n’umushingamateka Mike Sebalus, imvo nyamukuru, ndeste n’icipfuzo c’abo, akaba ari ukugira ivyirwa bihagije mu ntumbero yo guteza imbere ico gisata co soko y’iterambere mu karere k’Afrika y’Ubuseruko muri uyu mwaka w’2014.
Ingorane zihanze ico gisata mu karere k’Afrika y’Ubuseruko zikaba zigiye kwicarirwa, mu ntumbero yo guteza imbere uburimyi mu bihugu bigize akarere k’Ubuseruko bw’Afrika.

Muri iyo nama abo bashingamateka bayigize, bakaba baravuganye uko ivyirwa vyogirwa, kugira ico gisata c’uburimyi mu karere k’Afrika y’Ubuseruko kagizwe n’Uburundi, Urwanda, Tanzaniya, Uganda na Kenya gitere imbere, na burya gitunze benshi. Umurwi ujejwe uburimyi muri iyo nama nshingamateka ukaba waciye wigaburamwo kabiri, kugira bashobore bashobore kwishikira i Bujumbura, Dar es Salaam, Kampala na Kigali, ivyirwa bihagije bishobore gukorwa. Bimwe mu vyirwa bikaba vyari vyaragizwe mu kwezi ku wa 29 Nyakanga mu mwaka w’2013 no ku wa 5 Gitugutu, ivyo vyose bigakorwa, mu ntumbero yo kurwiza umwimbu mu karere.

Tukaba twobamenyesha ko igisata c’uburimyi mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, ari igista gitunze igice kinini c’abanyagihugu, ariko kikaba ari igisata gisa n’aho gitanguye kwitabwaho muri iyi myaka, naho mu gihe cahera, wasanga kironka ibice bike cane ugereranije n’ayahabwa ibindi bisata mu mafaranga yaba agenewe gukoreshwa na ma Reta buri mwaka.


IGIHE

Messages

  • Ivyomuzokoravyose kubijanye nogutezimbere uburimyi mukaguma mwiyibagiza ikibazo cisuka yakoreshwa kera u Burundi nu Rwanda bugifise abantubarimusi ya millin zirimusi 3 Tanzania na kenya ntibashika million 15 Uganda ntibashika million10 ivyobihuguvyose ngirantababibamwo bashika million 50 ariko uyumusi ndibaza ibibihugu birafise ababituye barenga million 100 Umvarero ntimutumwanya wubusa kandimufise ubwenge rondera ikintu gisimbura iyosuka nacomurakizi ko aramamashini arima nkuko kera uwatwara igihugu agiyegutemgera yagendera munderuzo (ingovyi) ariko uyumusi afatimodoka canke indege please isuka ntigishoboye kurima ibihagije ababa mubihugu vyacu. Ndamgiza nongerakubabwirako ibihugu vyagutse nka Tanzania, Kenya mybe na Uganda gushiramwo indimo mpuza ivyobihugu abaja kubirimamwo bazokoresha zamachine navuze, kandabazoja gukoramwiyo mirima bavuye mubindibihugu vyamuri EAC bakajayo babanje kumenyesha igihugucabo bagaheza bagahabwa ivyangobwa vyanditseko igihe bazomarayo kugiramwirinde abacabatangura kumerankabatoroka ibihuguvyabo biruka gukora mwiyomirima. Maze ivyobihugu bizobavyatanze ahohantuhokurima bizogenerwe ibicerunaka yivyimbuwe mwiyomirima bihabwa icogihugu, muntahureneza abazorima iyomirima sukuvuga ibihugugusa, nukuvuga burigihugu kizobagifise amashirahamwe ajewekurima kizorungika maze iryoshirahamwe rivuge ivyorigiyekurima kugira ibihugu vyomuri EAC ntibizohavebihurira kugiterwakimwe, bagenzi ivyovyimbuwe mwayomashirahamwe canke abarwizatunga mubahimirize kubisanzaza mubihugu vya EAC munzoronka ivyomufungura nivyomushora hanze ya EAC, muzokwongere mwiteho kurwiza ivyumakaruhariwe bibika ibifungurwa igihekirekire kugiramwirinde kuzamurata ibifungurwa kubera kubora, Ivyorero ntimushoborakubishikako mutarahindura iyosuka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.