Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igisirikare c’Ubuganda kirabeshuza ko ata musirikare waco yafashwe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Igisirikare c’Ubuganda kirabeshuza ko ata musirikare waco yafashwe na (...)

Igisirikare c’Ubuganda kirabeshuza ko ata musirikare waco yafashwe na Al-shabaab

jeudi 10 Nyakanga 2015

Umuhari w’intagondwa z’abaislamu Al Shabaab wemeza ko wafashe abasirikare bava mu gihugu c’Ubuganda bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya ku rwego rwa AMISOM.

Kuwa gatatu igenekerezo rya 9 Nyakanga 2015,umuvugizi w’umuhari Al-Shabaab Abdiaziz Abu Musab abicishije kw’iradiyo yegamiye Al-Qaida Andalus,yavuze ko abasirikare bava mu gihugu c’Ubuganda bafashwe kandi bari mw’ibohero kandi ko amagara yabo ameze neza kandi ko mu minsi ya vuba bazotanga amazina yabo n’amapete yabo.

Umuvugizi w’igisirikare c’Ubuganda Paddy Ankunda arabeshuza ayo makuru,akavuga ko ari ikinyoma,kuko bashobora gufata umwambaro bakawambika abandi bagaheza bakavuga ko ari abasirikare b’abagada kandi atari vyo.

Paddy Ankunda avuga ko ata musirikare n’umwe w’Ubuganda araburirwa irengero,kuva igitero kibaye.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.