Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiteramo ca Mkomobozi nticanyuze abakunzi biwe bacitavye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Igiteramo ca Mkomobozi nticanyuze abakunzi biwe bacitavye

Igiteramo ca Mkomobozi nticanyuze abakunzi biwe bacitavye

lundi 14 Gitugutu 2013

Umuririmvyi Mkombozi yaraye aremesheje igiteramo yie "Twibuke incungu zacu". Muri ico giteramo akaba ahanini yari yagitunganije mu ntumbero yo gushira ahabona indirimbo yiwe nshasha itaribwigere ica ku maradiyo. Ico giteramo ariko kikaba kitanyuze abakunzi biwe kuko hari abatahanye imyidogo abandi bataha igiteramo kitarahera.

Mu kigo c’iratiro kiri i Bujumbura(Musée Vivant), umuririmvyi Thomas Nzeyimana benshi bazi kw’izina rya Mkombozi yararemesheje igiteramo kuri uyu w’Imana. Ico giteramo yatunganije mu ntumbero yo guha agaciro abakunzi biwe mu kubaririmbira ururirimbo rushasha rutaraca ku maradiyo. Ururirimbo “Umubanyi niwe muryango” yaririmvy afadikanije n’abaririmvyi Ariane na Uncle Crazy. Hejuru yivyo, hakaba harimwo n’ukwibuka ukuntu, we nyene, Mkomobozi, akiri muto yahora akubitwa yagiye kuraba ibiteramo atorotse i wabo, mu gusimba urugo. Ninaco cari camutumye atumiye abaririmvyi yakuze aja mu biteramo vyabo nka Lolilo, Slay, Channelle n’abandi bataribake( nkuko mushobora kubibona ku capa c’itangazo ry’igiteramo kiri munsi y’iyi nkuru). Ariko ico giteramo nticanyuze abakunzi biwe kuko batashe bidoga.

Ico giteramo nticashimishije abakunzi biwe. Igiteramo nti catanguye ku gihe cari gitegekanijweko. Ku vyapa vy’itangazo ry’igiteramo hari handitsweko kizotangura isaha 9 y’umuhingamo ariko isaha 11 yageze kitaratangura. Umuririmvyi Mkombozi we, yatanguye kwikora mugahogo igihe c’isaha 2 z’ijoro. Ico gihe, imyidogo kubitavye ico giteramo yari yose ndetse bamwe bari baja batashe n’abandi bariko barataha. Icasongereye isibe kikababaza abakunzi b’umuziki n’abakunzi ba Mkombozi, nuko n’indirimbo “ Umubanyi niwe muryango” bari baje bashuye kumva itavugijwe hakiri kare bakiri muri ico giteramo.

Tubibutse ko umuririmvyi Mkombozi ari umuririmvyi yatsindiye ihiganwa Isanganiro Awards ry’uyu mwaka. Ihiganwa ritunganwa n’iradiyo Isanganiro uko umwaka utashe, ivyo hakaba ari umwaka ugira gatatu. Abamutanguriye gutwara iryo higanwa akaba ari abaririmvyi Rally-Jo na Yoya.

JPEG - 60 ko
Icapa c’itangazo ry’igiteramo

INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.