Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiteramo cataziriwe “ikawa y’Abarabu” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo cataziriwe “ikawa y’Abarabu”

Igiteramo cataziriwe “ikawa y’Abarabu”

lundi 28 Gitugutu 2013

Agiteramo citiriwe « ikawa c’abarabu » carabaye kuri uyu munsi w’Imana. Igiteramo catunganijwe mu ntumbero yo kuvukanisha imico y’icarabu hamwe niya buraya hamwe n’iyikinyafrika. Caranzwemwo n’indirimbo hamwe n’intambo zitandukanye.

« Café Arabe » izina ryahawe igiteramo caraye kibaye mu kibanza ca Pyramid Center cabaye igishasha kibaye mu Burundi. Ku mugoroba w’iyu w’Imana, ryari ihuriro ry’imico itandukanye. Imico y’abarabu, iy’uburaya n’iyikinyafrika, yose yarerekanywe biciye mu ndirimbo n’intambo. Ariko icabonetse nuko indirimbo z’ikirundi zahawe akanya gato cane ugereranije n’izahandi. Muri ico kibanza,igitangaje n’uko ata ntebe yo kwicarako yaharanzwe nkuko bimenyerewe.

JPEG - 40.7 ko
Zuena Salim, umwa mubatunganije ’Café Arabe"

Zuena Salim, umwe mu batunganije ico giteramo akaba yamenyesheje ko intumbero y’ico giteramo yari uguhuza imico itandukanye. Aha akavuga imico y’abarabu,iyabanyaburaya hamwe n’iyo muri Afrika. Naho vyari bitunganijwe uko Zuena abivuga, inzimano y’uwo mugoroba yari igizwe n’ibifungurwa bikunzwe gutegurwa mu muco w’abarabu.

Abaraho twashoboye kubaza uko babonye ico giteramo, bose barashimye. Umufaransakazi yaraho we akaba yishuranye akamwemwe kenshi ko ibirori nkivyo ari ivyo gushigikira kuko bihuza abantu batandukanye mu mico. Kandi biha akaryo umuntu wese kwerekana umuco wiwe yamukamwo. Umurundi nawe yaraho akaba yagize ko ibikorwa nkivyo ari ivyo gushigikirwa

Ico giteramo « Café Arabe » cabereye muri karatiye ya Kabondo y’Uburengero, ahitwa Pyramid Center. Vyari bitegekanijwe ko gitangura igihe c’isaha 12 z’umugoroba caracerewe cane kuko cagiye gutangura igihe c’isaha z’2 z’ijoro.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.