Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igitigiri c’abonsa abana mu Burundi kiracari inyuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Igitigiri c’abonsa abana mu Burundi kiracari inyuma

Igitigiri c’abonsa abana mu Burundi kiracari inyuma

mercredi 27 Munyonyo 2013

Amaberebere ni kirumara haba ku mwana canke no ku muvyeyi yonsa. Ni imfungurwa idakwiye gusubirizwa canke ibangikanywe ku bana batarakwiza amezi atandatu.

Mu matohozwa aheruka gukorwa mu Burundi no mu bihugu duhana imbibe, Uburundi buracari inyuma mu kwonsa abana, aho bugeze ku bice 40 kw’ijana, mu gihe ibindi bihugu nk’Urwanda, Tanzaniye na Congo bigeze ku bice birenga kuri 50 kw’ijana.

Mu ntumbero yo guhimbaza indwi mpuzamakungu yahariwe ukwonsa abana, umwaka w’2013, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bwatunganije kuri uwu wa gatatu wa 27 Munyonyo uruganda ku banditsi n’abamenyeshamakuru ku bijanye no kwonsa abana. Icivugo c’uno mwaka kikaba ari : Gushigikira abavyeyi mu gikorwa co kwonsa neza"

Mu kwerekana akamaro ntasubirizwa k’amaberebere mu kwonsa abana kugira abana bakurane amagara meza, SMAM (Semaine Mondiale de l’allaitemment Maternel) yama ihimbazwa ku mwaka ku mwaka kuva kw’igenekerezo rya mbere gushika kurya ndwi, yaratanze intumbero zitanu ngenderwako zofasha kugira igitigiri c’abonsa abana kiduge ku yindi ntambwe. Izo ntumbero nazo ni:

1. Gushira imbere akamaro ko kwonsa abana mu gushigikira abavyeyi bonsa
2. Kwigisha abantu ku bijanye n’ingaruka nziza zo gushigikira umuvyeyi yonsa hamwe no kwongererza inguvu mu guteza imbere umugambi wo gushigikira abavyeyi bonsa
3. Gutera intege abatabona akamaro ko kwonsa kugira bemere kwigishwa nabo baze bashigikire abakenyezi n’abana babo.
4. Gutanga amanimero y’abasanzwe bashigikira abavyeyi bonsa kugira bize bifashe abakenyezi kuronka uwubafasha inyuma yo kwibaruka
5. Guhamagarira ama Reta n’ibigo bavyariramwo ku rwego mpuzamakungu, gushira mu ngiro amabwirizwa cumi atuma abavyeyi bonsa abana babo gusumba, na cane cane kugira batere intege amashirahamwe ashigikira abavyeyi bonsa banarushirizeho kwonsa gusumba.

Gilbert Nduwayo, umuyobozi ajejwe umugambi w’igihugu mu gisata kiraba ivy’imfungurwa no gufungura neza, yamenyesheje ko mu Burundi, ibitigiri vy’abonsa abana bakivuka bikiri inyuma, kuko biri ku bice 74 kw’ijana mu gihe vyategerezwa kuba biri 100 kw’ijana. Nayo ibindi bitigiri vy’abonsa abana gushika ku mezi atandatu atakindi babahaye bikaba biri ku bice 69 kw’ijana mu gihe vyategerezwa kuja ku bice 90 kw’ijana.

Gilbert Nduwayo yasavye abavyeyi banka kwonsa abana kugutinya ko amabere yabo yohava arwa canke bitwaza ko ata mwanya bafise wo kwonsa kubera akazi kenshi, ko bovavanura n’iyo ngendo. Liboire Ngirigi, umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA yagabishije abo bavyeyi batonsa abana, abamenyesha ko bishobora kugirira ingaruka mbi abana babo.

Mwomenya ko mu Burundi indwi mpuzamakungu yahariwe kwonsa abana izohimbazwa kuva kw’igenekerezo rya 2 gushika kurya 8 Kigarama 2013, mu ntara ya Karuzi. Ibirori bikazokwuguruzwa na muganga Sabine Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.