Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igitsindo c’umukinyi Di Maria cashitse hageze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Igitsindo c’umukinyi Di Maria cashitse hageze

Igitsindo c’umukinyi Di Maria cashitse hageze

mercredi 2 Mukakaro 2014

Igice c’umunani c’amahiganwa y’ibihugu biri mu nkino z’igikombe c’isi zaraye caraye kirangiye. Hasigaye ibihugu 8 muri 32 vyari vyitavye izo nkino bibandanya mu gice ca kane c’amahiganwa

JPEG - 24.6 ko
Di Maria ahejeje gukiza igihugu ciwe

Igice c’umunani c’ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru caraye kirangiye. Inkino za nyuma muri ico gice zahuje ibihugu vya Argentine na Suisse. Urwo rukino ntirwari rworoshe na gato. Ku munota wa 119 niho Di Maria akinira Argentine n’umurwi wa Real Madrid yinjiza igitsindo bari baruhiye na mugenzi we Lionel Messi. Urubanza hagati y’ivyo bihugu ruba ruracitse. Ico gitsindo cashitse hageze kuko abakinyi ku mpande vyaboneka ko barushe. Argentine ica itsinda 1 ku busa bwa Suisse.

JPEG - 48.7 ko
Lionel Messi na Di Maria bari mu munezero

Urundi rukino rwahuje Ububirigi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ico gihugu ca nyuma catsinze ibitsindo 2 kuri 1. Vyumvikana ko Reta zunze Ubumwe za Amerika na Suisse vyaciye bisezera inkino z’igikombe c’uno mwaka w’2014.

Mu gice ca kane kizotangura kw’igenekerezo rya 04 Mukakaro, hazokina Ubufaransa buzohura n’Ubudagi, igihe c’isaha cumi na zibiri, isaha zitandatu z’ijoro hazokina Bresil na Colombie. Bukeye hazokina igihugu ca Argentine kizokina na n’Ububirigi, isaha cumi na zibiri, hanyuma urukino rwa nyuma mu gice ca kane ruheze ruhuze Hollande na Costa Rica.

Inkino zigice ca kabiri gishira ica nyuma zizotangura kw’igenekerezo rya 08 na 09 Mukakaro, urukino rwo kurondera igihugu kizotwara ikibanza ca gatatu ruzoba ari kw’igenekerezo rya 12 Mukakaro. Urukino rwa nyuma rutanga igikombe c’isi n’ibirori bijanye n’uwo munsi bizoba ari ku munsi w’Imana igenekerezo rya 13 Mukakaro ku kibuga ca Estario de Maracana kiri mu gisagara ca Rio de Janeiro.


Nkeshimana Cherif

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.