IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikarata karangamuntu ntizorenza amafaranga y’amarundi igihumbi (...)

Ikarata karangamuntu ntizorenza amafaranga y’amarundi igihumbi kimwe

jeudi 16 Nzero 2014

Igiciro c’ikarata karangamuntu nshasha ntikizorenga amafaranga y’amarundi igihumbi kimwe, n’imyidondoro isabwa kuri iyo karata karangamuntu ntawe yotera amakenga kubera izobikwa mw’ibanga.

Nk’uko vyashikirijwe na Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, mu kiganiro co gushikiriza ico ubushikiranganji arongoye bwaranguye mu mwaka w’2013 twaraye turangije, yamenyesheje ko mu bushikranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bagiye gukomeza intwaro ibereye muvya poritike mu gufatira ingingo amanama mpanuzwajambo ya komine adakora ivyo ajejwe, hamwe n’imigambwe itakiboneka ku rubuga rwa poritike.

JPEG - 55.8 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Umushikiranganji Edouard Nduwimana yamenyesheje kandi ko ibiganiro vya poritike bizobandanya muri uwu mwaka w’2014 kugira babandanye kurabira hamwe ishirwa mu ngiro ry’urupapuro rw’inzira, ivyo biganiro bikazobera mu nganda zine zizotegurwa uko amezi atatu aheze.
Mu migambi ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwiteguriye kurangura, Edouard Nduwimana yashikirije ko bazohimiriza abakuru b’imigambwe kwibuka gushira abakenyezi ku ntonde gushika ku bice 35 kw’ijana nk’uko amategeko abitegekanya.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ico kinywamaraso no ni minister co kiracashaka iki k-ubantu? Nkurunziza yokidukijije, twakirambiwe!!!!

  • Arikonuwo yiyise Burundi ivyovyitwamurikigihe ngo umuntuwese arafise uburenganzira bwokuvuga akarikumutima? Noneburya Umushikiranganji Eduardo nikinywamaraso koko!? canke burya mu Burundi hariho abantu bibinywamaraso. Umvantabihari ninkukokera hariho abitwabamenja kandi uworondera umumenja muburundi atahowomukura. Eduardo rema abarundi beshiturinyumayawe komeza akazikawe wahawe nabarundi ndakubwiye turagushigikiye.

  • Abantu benshi muramushikiye!urihenda ntabarura wagize ,usaba usabe neza (mama)!!!!!

  • Ndabwira uwitwa Uti, Nonewibagiye igihe baziryazose mumatora aheruka yomuri 2010 baryabose batoye CNDD FDD batuye ubumwe bwa Eduardo nabobasangiye umugambwe urumvarero nambutamutoye nuburenganzirabwawe arikwabamutoye bariyizi kandibaratsinze numvarero mwomuhamahoro kukoyahisemwoneza mutama Eduardo kandi arakundwa nabarundibeshi namakungu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.