Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikibazo c’umuyagankuba kigiye gutorerwa inyishu: Uburundi n’Urwanda (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ikibazo c’umuyagankuba kigiye gutorerwa inyishu: Uburundi n’Urwanda (...)

Ikibazo c’umuyagankuba kigiye gutorerwa inyishu: Uburundi n’Urwanda bazohungukira

dimanche 26 Rusama 2013

Mu rugendo yahoramwo mu karere k’ibiyaga binini, Jim Yong Kim, umukuru wa Banki y’isi yose yaremeye intererano y’amafaranga angana imiliyoni 340 z’amadolare ku bihugu bihurikiye mu karere b’ibiyaga binini.

Iyo ntererano ikaba izofasha mu mugambi wo kwubaka urugomero rwa Rusumo rwa mégawatts 80 zizoshobora guha umuyagankuba ibihugu vy’Uburundi, Rwanda na Tanzaniya.

Muri iyo ntumbero, ayandi mafaranga angana n’imiliyoni 150 z’amadolare azotangwa na Banki y’isi nyene, ayo nayo akaba azofasha gusanura ingomero za Ruzizi 1, Ruzizi 2 hamwe no kwubaka Ruzizi 3.

Izo ngomero zose nizaheza kwubakwa, zizoshobora gutanga umuyagankuba ku Burundi, Rwanda na Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ivyo navyo bikazofasha kandi Uburundi n’Urwanda kuronka umuyagankuba ku biciro bitavuna.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.