IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imfashanyo y’amafaranga imiriyoni zirenga 400 y’amanyaburaya yemewe gutangwa (...)

Imfashanyo y’amafaranga imiriyoni zirenga 400 y’amanyaburaya yemewe gutangwa ku Burundi

lundi 23 Kigarama 2013

Ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya, UE (Union Européenne) ryemeye kuduza imfashanyo ryahora ritanga ku Burundi kugeza ku ncuro zibiri. Amafaranga y’amanyaburaya arenga imiriyoni amajana ane akaba ariyo yemewe kuzotangwa.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevasi Rufyikiri yakiriye kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 23 Kigarama 2013, uwuserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya mushasha, Patrick SPIRLET yasubiriye uwahahora Stephan De Loecker.

Patrick SPIRLET yamenyesheje ko ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya rishimishwa n’ivyapfunditswe mu nama yabereye i Genève, aho mbere ibitari bike biriko biraja mu ngiro. Ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya rikaba ryemeye ko rigiye kuduza imfashanyo yaryo ryahora ritanga ku gihugu c’Uburundi.

JPEG - 75.2 ko
Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ari Patrick SPIRLET arongowe ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya

Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yamenyesheje ko iyo mfashanyo y’amafaranga imiriyoni 400 izotangwa mu ntumbero yo gufasha gushira mu ngiro umugambi wa kabiri w’igihugu wishinze kurwanya ubukene, CSLP2 (Cadre Stratégique de Lutte contre la Pauvreté, deuxième génération).

Iyo mfashayo igiye kuzofasha guteza imbere cane cane igisata c’amagara y’abantu, igisata c’amasoko ntanganguvu, igisata c’intwaro ibereye hamwe n’igisata cishinze kurwanya inzara n’ubukene.

Mwomenya ko ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya ryemeye kuduza kuva mu mwaka uza w’2014 imfashanyo ryahora ritanga ku Burundi ku ncuro zibiri bagereranije nayo ryahora ritanga. Umwaka w’2014 uhuriranye n’iyinjira mu kigabane ca 11 c’imfashanyo y’amafaranga y’amanyaburaya yahora atangwa mu gisata c’iterambere, FED (Fond Européen de Développement).


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.