Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigumuko yabereye ku ngoro ya MSD yagirizwa Sinduhije n’abanywanyi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imigumuko yabereye ku ngoro ya MSD yagirizwa Sinduhije n’abanywanyi (...)

Imigumuko yabereye ku ngoro ya MSD yagirizwa Sinduhije n’abanywanyi biwe

vendredi 26 Nyakanga 2014

Reta y’Uburundi irabeshuza ivyashikirijwe n’abashingamateka b’ibihugu vya buraya ko abanywanyi b’umugambwe MSD bahagaritswe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014, kandi bari mu myiyerekano mu mutekano. Kubwa Reta y’Uburundi, ivyakozwe n’abanywanyi ba MSD yari imigumuko yateguwe neza n’umukuru w’umugambwe MSD Alexis Sinduhije.

Mu nama iheruka guhuza abashingamateka b’ibihugu vya buraya, bamenyesheje ko igiporisi c’Uburundi cahagaritse kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014 abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bari mu myiyerekano mu mutekano. Kubwa Reta y’Uburundi, ivyo vyerekana ko abo bashingamateka batatohoje neza uko vyagenze. Nk’uko tubisanga mw’itangazo ryasohowe na Reta y’uburundi, ivyabereye ku ngoro y’umugambwe MSD muri komine Kinindo ni imigumuko yateguwe neza, yongera ishirwa mu ngiro n’umukuru w’umugambwe MSD Alexis Sinduhije, asanzwe ubu ari mu buhungiro, akaba kandi ariko akurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi.

Kubwa Reta y’Uburundi, ibikoresho igiporisi catoye muri iyo ngoro vyerekana ko ari imigumuko yari yateguwe, aho Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta akavuga nk’imfungurwa zahatowe, amazi, hamwe n’ibiyayuramutwe. Firipo Nzobonariba ati : "Nta gihugu na kimwe co mu muryango w’ubumwe bwa buraya cokwihanganira ibintu nk’ivyo, ubutungane bwotegerezwa gukora."

Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi avuga ko igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe n’inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya, bakoreye kuvyo babwirwa n’abarwanya ubutegetsi, agasaba abo bose basohora ivyegeranyo ku Burundi ko bokwishikira mu gihugu bakirabira ko ivyo babwirwa vyoba bihuye n’ukuri kw’ibibera mu gihugu.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.