IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imiriro ya nyakanga yadutse imaze kwonona ibitari bike

Imiriro ya nyakanga yadutse imaze kwonona ibitari bike

mercredi 28 Myandagaro 2013

Haraheze indwi mu bumanuko bw’igihugu, muri komine Vyanda hadutse umuriro wa nyakanga. Kuva ku munsi wa mbere, n’ayandi makomine abiri y’intara ya Makamba yarafashwe n’iyo miriro imaze kwonona ibitari bike mu bidukikije.

Mu ntara ya Bururi, ishamba rya Vyanda niryo ririko rirasha haraheze indwi, mu karere ka Nyabukumba, Mburamazi na Nyakayonga, aho hafi igice c’iryo shamba kimaze gusha, aho ibikoko vyaba naho nyene hakaba hamaze kwonekara.

Uwundi muriro wariyadukije mu bibanza bikingiwe kuri uyu wa mbere, ariko abanyagihugu n’inzego zibijejwe baca barawuzimya, bararitswe na musitanteri wa komine Bururi Roger Mpabwanayo, ari kumwe na buramatari w’intara ya Bururi, Gloriose Nimenya.

Agace gato ko mu karere ka Mpete kari kakiriko karasha ku munsi w’ejo kuva kuwa gatandatu igekerezo rya 24 Myandagaro 2013.
Amakuru ava aho hadutse iyo miriro amenyesha ko yoba yatewe n’umwana w’umunyeshure yoba yariko yironderera umuyonga w’ibitungwa yari aragiye.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.