IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imirwi y’umupira w’amaguru ya mbere itunze kw’isi

Imirwi y’umupira w’amaguru ya mbere itunze kw’isi

jeudi 8 Rusama 2014

Umupira w’amaguru ni kimwe mu bintu bukunzwe n’abantu benshi kw’isi, ku bw’ivyo ikinyamakuru Forbes co muri Reta zunze ubumwe z’Amerika gihejeje gusohora urutonde rw’imirwi 20 itunze kurusha iyindi kw’isi nzima.

Ku mutwe w’urutonde haza umurwi wa Real Madrid. Ikinyamakuru Forbes mu matohoza cagize kuva mu mwaka w’i 2012-2013, casanze ubutunzi bw’uwo murwi hanini buzanwa n’amahera umukinyi w’igihangange Cristiano Ronaldo yinjiriza
uwo murwi. Ikindi n’uko hari imirwi itahora iboneka k’urutonde nk’uru ariko aho imariye kuja mu minwe yabafise amahera menshi bakagura n’abakinyi bakomeye, yashoboye kuja mu yindi. Akarorero n’umurwi wa Paris-Saint -Germain. Aho ugiriye mu minwe y’abagwizatunga bo mu gihugu ca Quatar, ukagura n’abakinyi b’ibihangange nka Zlatan Ibrahimovic na Thiago Silva, waronse ikibanza c’i 15.

Igitangaje n’uko iyo mirwi yose iri kuri urwo rutonde yose ariyo k’umuhagabane wa Buraya gusa. Nta murwi wa Afrika, wa Amerika, wa Asiya canke mu bindi bihugu bitunze uri kuri urwo rutonde.

Imirwi irushanya ubutunzi uku gukwirikira, amahera ari mu madorari, mushatse kumenya agaciro afise mu marundi, twobabwirako idorari 1 ry’abanyamerika rivunjwa amarundi 1555(kuri iri genekerezo).

1. Real Madrid – Imiriyaridi 3,44 z’amadorari y’abanyamerika

2. FC Barcelone – Imiriyaridi 3,2

3. Manchester United – Imiriyaridi 2,81

4. Bayern Munich – Imiriyaridi 1,85

5. Arsenal – Imiriyaridi1,33

6. Chelsea –imiriyoni 868

7. Manchester City –imiriyoni 863

8. Milan AC – imiriyoni 856

9. Juventus – imiriyoni 850

10. Liverpool – imiriyoni 691

11. Borussia Dortmund – imiriyoni 600

12. Schalke 04 – imiriyoni 580

13. Tottenham –imiriyoni 514

14. Inter Milan – imiriyoni 483

15. Paris Saint-Germain –imiriyoni 415

16. Galatasaray – imiriyoni 347

17. Atlético Madrid – imiriyoni 328

18. Hambourg –imiriyoni 326

19. AS Rome – imiriyoni 307

20. Naples –imiriyoni 296


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.