IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imvura yarononye ibintu bitari bike muri komine ya Kanyosha

Imvura yarononye ibintu bitari bike muri komine ya Kanyosha

vendredi 4 Nzero 2013

Mw’ijoro ryo kuwa gatatu itariki 3 Nzero 2013, imvura itari nke yaraguye mu Komine ya Kanyosha muri Quartier Musama-Busoro,iyo mvura rero ikaba yatumye hononekara ibintu bitari bike muri ako gace.

Imvura yaguye muri Quartier Musama-Busoro yo muri Komine Kanyosha kuri uno wa gatatu itariki 3 Nzero 2013 yarononye ibintu bitari bike.Uruzi Gacanjishi rwaruzuye rurata inzira gushika aho rwinjira mu nzu z’abantu baba hafi yarwo.

Abanyagihugu bo muri ako karere bakaba bavuga ko aho baba hadatunganijwe neza,bakaba basaba abajejwe gutunganya igisagara ko boshiraho imigende itwara amazi y’imvura kuko ibiba vyose biva kuko iyo migende atayiriho.

Musitanteri wa Komine Kanyosha Abdou Bampoye avuga ko uruzi Gacanjishi rwasanuwe n’ishirahamwe PNUD aho ryegeranije amazi yisuka mu ruzi rwa Kanyosha.

Kubwa musitanteri rero ngo si ingorane zifatiye kugutunganywa nabi kw’iyo Quartier,mbere agaca ahamagarira abanyagihugu kwitaba ibikorwa vyo kuzibura ahasanzwe hahurira amazi.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.