Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyaka 50 inyuma y’ijambo “I have a dream” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Imyaka 50 inyuma y’ijambo “I have a dream”

Imyaka 50 inyuma y’ijambo “I have a dream”

mercredi 28 Myandagaro 2013

Imyaka 50 irarumanye neza uyu munsi ijambo rya Martin Luther King “I have a dream” (Ndafise indoto) rivuzwe mu kigisagara ca Washington DC. Ijambo ryavuzwe mu ntumbero yo guharanira uburenganzira bw’ubwenegihugu kuri bose.

Martin Luther King ariko ashikiriza ijambo "I have a dream"( 28/8/1963)

Hari kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 1963 mu kibanza citwa Lincoln Memorial mu gisagara ca Washington DC aho Martin Luther King yavuga ijambo “I have a dream” bisigura “Ndafise indoto”. Iryo jambo akaba yarivuze imbere y’abanyamerika 250 000 (80% babirabure, 20% babazungu) bari bashwaye ico kibanza. Iryo jambo rikaba ryari iryo mu rugamba rwo guharanira uburenganzira bwa kira mwenegihugu. “ Ndafise indoto yuko umunsi uri izina iki gihugu kizovyuka hama kibe mu nsiguro nyakuri y’ivyo cemera: abantu bose bavuka bangana, ibi tubifata nkukuri”, ivyo bikaba vyavuzwe na Martin Luther King muri iryo jambo ry’uwo munsi.

JPEG - 103.8 ko
Isinzi ryabari mu kibanza Lincorln Memorial itarike 28/8/1963

Iryo jambo rya Martin Luther King bivugwako ari ijambo rimwe muyakomeye yavuzwe mu kinjana ca 20. Ryahavuye rinandikwa muri ico kibanza ca Lincoln Memorial. “I Have a dream”(Ndafise indoto) ryari rishimikiye ahanini kuri ibi bikurikira:
-  kwibutsa ko inyuma y’imyaka 100 yariheze hakuweho ubuja bwacinyiza “umwirabure”, ukwidegemvya kw’umwirabure kutaraboneka;
-  gukebura abenegihugu ko ata mahoro ashoboka hakiri ikumirana. M.L. King ati: “…nta karuhuko n’umutekano bizoba muri Amerika umwirabure atarahabwa uburenganzira umwenegihugu wese ahabwa…
-  guhamagarira abirabure kutinuba abazungu kuko ari abavukanyi kandi ko ibibahanga ari bimwe;
-  kubuza abirabure ukutagira ingere kuyindi kuri aho hose hakoreshwa inguvu mukubacinyiza;
-  gutanga umwizero ko igihe c’umwidegemvyo n’ubutungane kizoza, amacakubiri afatiye ku rukoba, kuma dini n’ibindi vyose bizohera maze ubutungane bugahabwa ikibanza.

Iryo koraniro ryari ryitabwe n’isinzi ry’abantu (250 000) ryari rije guhimbaza imyaka 100 yariheze umukuru w’igihugu Abraham Lincoln akuyeho ubuja (esclavage). Uwo mukuru w’igihugu yakuyeho ubwo buja(esclavage) mu 1863. Uyo munsi w’itarike 28 Myandagaro 1963, amajambo yavuzwe yarayasaba ukungana kw’abantu bose, abirabure n’abazungu. Uwo munsi nyene umurirmvyi Bob Dylan akaba yararirimvye ururimbo rwavuga ruti “Ni amabarabara angahe umuntu ategerezwa kujabuka kugira yitwe umuntu?

JPEG - 70.9 ko
Ahanditswe "I have a dream" mu kibanza M.L.King yavugiyemwo

Kuri uno munsi rero wa none w’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2013, bitegekanijwe ko umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure wa Leta Zunzubumwe w’Amerika, Barack Obama, aza kuvugira ijambo muri ico ibanza Martin Luther King yavugiyemwo haraheze imyaka 50. Abaraba ibintu n’ibindi bati: “Indoto ya Martin Luher King yarashitse kubona ico gihugu gisigaye gitwarwa n’umwirabure”. Uwu munsi ukaba uhimbazwa mu bihugu vyinshi vyo kw’isi harimwo n’Uburundi.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.