IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka yemeje amasezerano arwanya ihohoterwa rya kiremwa (...)

Inama nshingamateka yemeje amasezerano arwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu

jeudi 18 Mukakaro 2013

Inama nshingamateka y’Uburundi yaremeje kwisunga ku munsi w’ejo kuwa gatatu itegeko ryubahiriza amasezerano akinga ihohoterwa rikorerwa kiremwa muntu.

Mu nyishu yatanze ariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yamenyesheje ko impinyanyuro y’amategeko y’Uburundi yari ikenewe kugira batomore ku kurwanya ihohoterwa ryokorerwa kiremwa muntu.

JPEG - 13 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike barashima iyemezwa ryo kwisunga ayo masezerano. Armel Niyongere, umukuru w’ishirahamwe rya gikirisu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT (Actions des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture) amenyesha ko bakeza inama nshingamateka ku kubona yemeje kwisunga ayo masezerano azofasha mu kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Ariko rero, umushingwamanza Armel Niyongere asaba abafata ingingo cane cane abategetsi ko bitoza biragarukira mu mvugo gusa, ahubwo ibihano ruhasha bize birahabwa abo bose bagiriwe n’ivyaha vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu.

JPEG - 36.3 ko
Armel Niyongere, umukuru wa ACAT

Kuri ayo masezerano yemejwe mu mwaka w’2002 mu gisagara ca New York, Uburundi nico gihugu ca mbere cemeje kwisunga ayo masezerano mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.