Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama shingamateka yemeje itegeko rigenga amanama n’imyiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Inama shingamateka yemeje itegeko rigenga amanama n’imyiyerekano

Inama shingamateka yemeje itegeko rigenga amanama n’imyiyerekano

jeudi 29 Myandagaro 2013

Inama nshingamateka yaremeje ku mugoroba wo ku munsi w’ejo kuwa gatatu itegeko rigenga imyiyerekano n’amanama. Nk’uko iryo tegeko ribivuga, imyiyerekano n’amanama bizokwama bimenyeshwa imbere y’iminsi ine, hama uruhusha barurindire inyuma y’amasaha 48.

Integuro y’iryo tegeko rigenga imyiyerekano n’amanama yabanje gutera impari nyinshi cane kuko abashingamateka bose batahuriza ku manama yobanza kumenyeshwa ayariyo, abandi nabo bakabona ko hari abazokwikika inyuma y’iryo tegeko mu kubuza inama y’abo badasangiye ivyiyumviro. Ku makenga abashingamateka bari bafiye, inyuma y’insiguro zatanzwe n’umurwi wamaho ujejwe ibibazo vya politike mu nama nshingamateka, Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ari nawe yari yatumiwe gusigura ibiri muri iyo nteguro, yamenyesheje ko intumbero nyamukuru y’iryo tegeko ari uguharanira ko amanama n’imyiyerekano vyotegurwa mu mutekano.

Ku kibazo c’inyishu ishobora guteba gushikirizwa uwamenyesheje ko ariko ategura inama canke imyiyerekano, muri iryo tegeko bategekanya ko ayo masaha 48 aheze, uwamenyesheje azoca afata ko uruhusha yaruhawe. Muri iryo tegeko, mu makoraniro kaminuza n’amahuriro ya bose ku migambwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, hazokwama harimwo uwuserukira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, kandi akaba azoba ashobora kuhagarika iyo nama igihe cose yiketse ko hari ivyotoheza umutekano.

Iryo tegeko ryaraye ryemejwe n’abashingamateka 95 kuri 96 rije gusubira iryahahora nimero 100/187/91 ryo kuwa 24 Kigarama 1991. Bitegekanijwe rero ko abakenguzamateka nabo baryemeza imbere y’uko umukuru w’igihugu ariterako umukono.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.