Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inani zitavuga rumwe na Reta zandikiye Ban ki Moon - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Inani zitavuga rumwe na Reta zandikiye Ban ki Moon

Inani zitavuga rumwe na Reta zandikiye Ban ki Moon

mardi 10 Ntwarante 2015

Inani zibiri zitavuga rumwe na Reta mu Burundi zandikiye umukuru w’ishirahamwe mpuzamkungu ONU zimusaba kugondoza Petero Nkurunziza ntasubire kwitoza ubugira gatatu.

Muri urwo rwandiko, abarongoye inani RANAC Dushayuruburundi hamwe na ADC Ikibiri, bakaba basavye Ban ki Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko yogondoza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ntahonynge ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano ya Arusha kugira yitoze ubugira gatatu. Agathon Rwasa na Leonce Ngendakumana barongoye izo nani, bakavuga ko imvo zituma umukuru w’igihugu ashaka kuguma yitoza kandi binyuranye n’amategeko, ari ugushaka kunyegeza amwe mu madosiye yagrizwa intwaro yiwe, nko kwica abantu, gusahura amatungo y’igihugu, n’agateka ka zina muntu kabangamiwe rwose.

Tukabamenyesha ko abanywanyi b’izo nani, hamwe n’amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, batariye umunwa mu kumenyesha ko umunsi nyene Petero Nkurunziza azovuga ko agira yitoze ubugira gatatu, ari nawo munsi nyene, azoca yihereza amabarabara amwiyamiriza. Ibihugu vya Rutura hamwe n’ishengero Gatorika, bagasaba ko amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro vyokubahirizwa, ibiringo bitrenga bibiri bihabwa umukuru w’igihugu bikubahirizwa navyo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Muraba mwamusiguriye uko ibwirizwashingiro rivuga nayahandiho nimwitegure Nkurunziza yogere abatware iyindimyaka itanu, nimusome iryobwirizwashingiro nyabuna, canke murireke kurisoma mujemwibarabara mbese novugatio mwarakoze kubivuga komuzoja mwibarabara hakirikare. mbere umusi uratevyegushika tuzokwerekane aboturibo.

  • Mbe ko muvuga ngo umusi uratevye muzokwerekane abo muribo mwiteguriye kuzoca mutangura kwica uwo wese yoja mwibarabara yiyamiri uko kwitoza kwa Nkurunziza ahubwo namba mutegura kugira nabi nimuteshwe mute nayahandi umuriro w’Imana urabarindiriye.Hahirwa abamesura imvuene zabo inzamba itaravuga.

  • Moi ,clairemen ,je soutiens la candidature de Nkurunziza,tu me demanderas pourqoui,la constitution et les accords d’arusha ntivyagomvye gutohora neza igihe president atowe a sufrage indirect kwari mandant ou une periode preparatoire ou transitoire entre la transion et les mandant presidentielle.Par ailleurs,articles 96 iravuga neza ko le president sera elu a suffrage universel direct par la population a une periode de ciq ans renouvellable une fois,d’ou l’erreur de la confusion des testes en profite a celui qui tient le couton a main.C’est ma analyse NAWE URASHOBORA KUBA WIYUMVIRUKUNDI.Mais qu,on ne trompe pas les gents et creer des desordres au pays qui a retrouvait la paix et la cohesion apres des multiples cadavres,nos hommes politiques qui ont fait les negociations et aboutis a des accords comme celui d’arusha et la constitutions barazi imitego bateganye,la je fait appel a buyoya et les frodebustes ,sur claire que uyo mutego bawuzi kuko bose bahaboninyungu zokuzobandanya bitoza en dehors yibiringo bitatu icambere murico kidatomoretse arico PETER NKURUNZIZA AGIRE ABATSINDISHE kandi mwanse kubigira claire mubibona .Pour moi numutego Buyoya yari yateze aba frodebu,awugwamwo,abafrodebu nabo bawutega CNDD-FDD nabo nyene bawugwamwo mugutsindwa,pour le moment CNDD-FDD yawubonye igire uwuprofite.BUYOYA na FRODEBU ahubwo nibacurubanza bareke guteranyabarundi.

  • yezu tabara uburundi turarushe muta mweranda ashunguruk abyagire mumutima wa petero nkurunziza arekute iyo manda ntate igihugu mukaga inzirakarengane ntizihogw ubusa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.