Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara y’umushishito itavuwe ishobora kuvamwo kanseri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara y’umushishito itavuwe ishobora kuvamwo kanseri

Indwara y’umushishito itavuwe ishobora kuvamwo kanseri

mercredi 9 Gitugutu 2013

Indwara y’umushishito bita "Ulcère gastroduedonal" ifata igice gihuza umushishito n’amara. Kugira yitwe "Ulcère" n’uko haba hari ibisebe mu mushishito hamwe no mu gace k’amara kari iruhande y’umushishito "duedonum". Irangwa no kugira ububabare mu mushishito, ukamenga ni ubushe.

Iyo ndwara iterwa n’agakoko kitwa "Helicobacter pyroli" nk’uko tubibwirwa na mugaga Donatien Bungura. Ako gakoko kaba mu muntu, iyo agafise ushobora kugwara umushishito bita "Ulcère gastroduedonal".Ibindi bintu bishobora gutera indwara y’umushishito ni alcool, ibinure vyinshi, ibintu birimwo isukari nyishi. Hariho n’ibindi bintu bita les facteurs de risque ivyo navyo bishobora gutera indwara y’umushishito. Hariho itabi, umwitawarariko urenze bivuye ku ngorane y’uburyo, ingorane mu muryango, ku kazi canke mu gihe c’ingwano. Ikindi hariho ibirungo bikomeye (les épices) navyo nyene biri mu bitera indwara y’umushishito. Hari n’imiti aha twovuga aspirine, n’imwe bita antiinflammatoires nka ibuprofen igihe uguma uyifata kenshi ishobora gutera umushishito.

Mu bimenyetso vyerekana ko ufise indwara y’umushishito bita "Ulcère gastroduedonal" ni ububare mu nda bumeze nk’ubushe, kwumva uvyimvye inda kandi utafunguye vyinshi, gusohora impwemu mbi. Iyo umuntu ashonje arababara, ikirungurira ca buri mwanya. Hariho n’ibindi, aha twovuga iseseme, kuyorwa, kubura akayabagu, kwonda.

Mu gihe rero iyo ndwara itavuwe ishobora kugira ingaruka zitari nke, nk’uko tubandanya tubibwirwa na muganga Donatien Bungura. Umushishito uratoboka ivyo bita mu rurimi rw’igifaransa "Perforation gastroduedonal". Habaho amaraso mu bice vyo mu nda, ico bita "Hemorragie digestive.", umuntu yaja ku mwanda mukuru akituma amaraso, umuntu akagira uburuhe burenze, ushobora gufatwa n’indwara yo kubura amaraso bita "Anémie", mbere mu gihe itavuwe, umuntu ashobora kwanduriramwo indwara ya kanseri. Hari n’indwara zikunda gufata umuntu afise iyo "ulcère", aho naho ni igitigu bita (cyrrhose du foie).

Kugira umuntu yirinde iyo ndwara, ni ugukora imyimenyerezo (sport), kugabanya imyitwarariko, guheba itabi, inzoga, kutarenza urugero ibinyobwa bimwe bimwe nk’icayi icayi, coca, ikawa n’ibindi vyose birimwo acide. Umuntu yogerageza kaandi kuruhuka.


Floxella Karire

Messages

  • mbahay amahoro! nanj nshimishwa nubumenyi muduha budufasha kubahoneza! ndi umusor nujuj 24ans,maz 5ans ntotejwe bikabij nubumuga bwa estoma! icogih ntangura gutotezwa bikabij nububumuga nigaga mukigo internat! nzagufatwa ningwara,nivuj knshi bankorera ibipimo knshi vya malaria,inzoka kuko nibasirwa nuburibwe mubihimba vyose birabana nugufungura,ndets hagra ahonubwonko buruha hamwe atakintu nibuka! bakomj kubura malaria arko bampatira gufata kenshi imiti ya amibe nizinzoka! ibitagiz icobimarira namba! hanyuma bamaz kubona ibindibimenyetso bampa nayamiti ifasha nkaja mpindura uko numva ibihinduka gersil na omplazol kuko ompla nindimiti ya capsul yagraho imbaza bitigz kumbaho! nyumayavyos haj kubahabi kuruta! urets ko namaz amezi ntarya kireka biswi zonyine,umunyeshur yazany akumbati(manioc)mpeknyaho gato! kuva iyo samdi kugza mardi ntakindi naribwarye! mardi mwijoro numva vyose birahindutse! numva inda iravyimba kumwamba kumwanya! birakomeza,ubushuh munda,mburamahorope! nyuma narutse yamyumbatikunonayimiz!

  • narinteye kukugene nyuma yuguhekenyakumbati kuwagatandatu kagarutse kuwa2 kakimez kumwe nagahekenya! naray ijororyos atagatiro,birankape! bukey abambony bose bampanura gutaha kuko ahohose nivuzantaha mundaro! docteur twabonany murivyobih aca ampanura kuja mubipimo vyihariy vya estoma anyandikira endoscopie! naragiy kwimurikisha basanga estoma yanj ifis ibikomere bidasanzwe! bampa imitimyinshi,bambwira gusubira kwimurikisha nyuma yukwezi! ntivyahavuy binkundira kuko nagz icogih numvamfis ingorane ikomey mumuhogo yububabar kuburyo numva karya gatiyo bakoresha katosubira kuncamwo! mumiti bampa ntihaburamwo iya amibe! uretseko icogih nabwirizwa gufata imiti yamazi kuko atanikinini narindekuriw kokimenekera munda! imiti ifis capsul mbwirizwa nanubu kuyugurura mukuyinywa! gusa ikikibazo comumihogo naringisanganywe kuburyo ataricavutse kubwa endoscopie ahubwo yoba yarasongereye! ibibazo vyaj kumbana vyinshi kuko atakintu nakimwe cashoboy kumfasha! nakoreshej regume(ingaburo)zitandukanye ariko sinabonye inyishu yukur

  • muvyukuri ntawohakana ko ingaburo zifasha! ndetse numuti utagira ingarukambi EFFETS! kuko zimwemungaburo nakoreshej uretseko jew bisankaho zitamfashij harabo nazihay bobahamya kozabafashijecane! ibibazomfiserero nivyinshi! kugerubu mfite ibibazo bitatu nyamukuru! estoma,sinusite nikikibazo comumihogo! vyantumye ntagifata ibintu ivyarivyose! ibinyobwa vyose birimo gaz,umucungwa na mandarine ibibigaterwa nukuba bimbabaza cane mumihogo nomuri crane kubwa sinusite! nkasamura umwanyamuninicane mbese ngicira amaraso! ibifungurwa nk’amata nibindi sinkibifata, inyama zo sinazigeze kuva mubuto! ariko ibintu bimotacane nibinuka birambangamiracane canecane ko akamoto ndakumvira muri estoma maz nkacandibwacanegose bintera nakoba! ikindi gikunze kumbaho,murirusangi sinkundagukanya kumubiri ariko misiyose iyohakanye ndavyumvira munda! iyo imbeho inyinjiy ndaribwabikabij! ico ntaratahura nukovyinshi mubifasha abarwayi ba estoma j bitankundira! ikindinuko numva akenshi mfashwa nicayi gishushe iyonkanye! numero yanj 79443441

  • nyakubahwa muganga,ndumva mpangayikishijwe bikabij nibi bibazo! caneko ibintu vyose bifasha abandi j atacobimfasha! mbese nkibaza niki ikibituma? gusa nagiy gukomeza kubitekerezaho nsanga hari ibimenyetso bimwebimwe nahoz mpuranavyo nkirimuto simenye ivyarivyo ariko nahavuy nsanga kumbe ububumugavyose bwantanguy nkirimuto gusavyagiy gukavya mazegukura! ndibuka nka sinusite nabonye ibimenyetsovyazo bikabij aho nasamura nkamasaha atatu nciramaraso! hari muri2007 uretse kndiko nciga primaire hose twabaga mubikorwavyisuku kwishure nkakuraho gripe ninkorora nibukako mumwaka wa5 nandikiy mwalimu wanj koyombarira akampa indimirimo! nayo estoma nibukako kuvankirimuto ngiy gufungura nabwirizwa gufungura ceinture kandi nkicara inda idafunij! kukonanubu ntanikintu nomira ntahagaz cank ngonicar neza! ndyamye nahokobakantu gato sinokamira! uburero nakomej kwumiririzako mbandanyamashure kndi nimirimo itandukanye yose ndayikora uretse ikarashishi kuko mfise nimvune mwiviryukuryo yatewe na accident yimodoka hahezimyaka5!

  • Murakoze kutumenyesha ivy’indwara y’umushishito,na jewe mfite ibibazo,icambere kuva itali 2/6/2016 nafashwe n’isevu, nsevura ijoro n’umutaga non hahavuye hiyongerako ikirungurira no kuboga ibintu bimeze nk’ifuro rivanze n’uturaso duke.ica kabiri maranye igihe indwara yo kuribwa mu mukondo bigatuma ngiy kumwanda muto haza amaraso naho nyene akaza ndinze kubabara gose guhera aho mu mukondo kumanuka gushika mugitsina ngiye kwa muganga bigahera ariko hahera igihe bigasubira.ndasaba mungire inama.

  • MURAKOZE NONE HOBA HARIHO IMITI YIKIRUNDI IVURA UMUSHISHITO ?

  • je mfise ikibazo kijanye niyo ndwara mbabara munda,amaja mugatuza ntakintu na kimwe ntafungura ariko nubwo norya utuntu duke mpita numva ntakindi kintu narya ndiye naho nkahaga ngiye kuryama mpita numva ububabare mu nda bukabije inda nkumva umengo irabyimbye.Mbese mwangira inama imeze nte kubuzima bwanjye.Murakoze

  • Jewe mfise ikibazo ,cokugira isevu burikanya,nokoriki bivakuki ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.