Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara yo mu kigo yabaye ndanse mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara yo mu kigo yabaye ndanse mu Burundi

Indwara yo mu kigo yabaye ndanse mu Burundi

jeudi 21 Munyonyo 2013

Ikibazo c’indwara yo mu kigo kibandanya kwibonekeza mu Burundi. Ni indwara isanzwe yibonekeza inyuma yo kwibaruka kw’umukenyezi iyo atigeze akurikiranwa neza.

Mu matohoza yakozwe ku rwego rw’igihugu muri uno mwaka w’2013, abakenyezi bagera ku 3550 nibo bageramiwe n’indwara zo mu kigo. Ivyo bitigiri bikaba vyerekanwa kandi n’iyindi mice igera ku 750 yibonekeje uno mwaka.
Ivyo bitigiri vy’abo bakenyezi bikaba vyerekekanywe n’umuyobozi mukuru w’umugambi w’igihugu ujejwe irondoka rijanye n’amagara meza (PNSR) mu ruganda rwari rwatunganijwe kugire berekane ku mugaragaro ivyavuye mu matohoza yakozwe ku ndwara yo mu kigo ku rwego rw’igihugu.

Kubwa muganga Juma Ndereye, kimwe mu vyoba bisigura ivyo bitigiri vy’abakenyezi bafise indwara zo mu kigo biguma vyiyongera, ni igitigiri c’abakenyezi bibarukira muhira kiguma kiduga.

Muri urwo ruganda bakaba barahanahanye ivyiyumviro bitari bike mu vyokorwa kugira iyo ndwara ituzwe bongere bakinge n’ingaruka zibonekeza zivuye kuri iyo ndwara, nk’akarorero impfu z’abana bavutse, umukenyezi ataba agishobora kwigumya igihe ashatse kuja ku mwanda muto, canke ku mwanda mukuru.

Mwomenya abakenyezi bafise indwara zo mu kigo batagira gusa ingorane ku magara yabo ariko kandi no mu kibano kuko abatari bake baca binubwa n’abagabo babo, eka n’umuryango ukabata.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.