Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwi yahariwe abavyeyi n’ibibondo: urucanco rugira kabiri rw’agasama - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwi yahariwe abavyeyi n’ibibondo: urucanco rugira kabiri rw’agasama

Indwi yahariwe abavyeyi n’ibibondo: urucanco rugira kabiri rw’agasama

mercredi 16 Nzero 2013

Isekeza ry’urucanco rugira kabiri rwo gukinga agasama ryaratangujwe kuri uno wa Kabiri igenekerezo rya 15 Nzero umwaka wa 2013. Ibirori vyo gutanguza ico gikorwa bikaba vyabereye muri komine Gishubi yo mu ntara ya Gitega.

Ariko icogikorwa kiriko gikorwa mu Burundi bwose,kikazorangira ku musi wa gatanu igenekerezo rya 18 uku kwezi nyene.Ikigaragara n’uko abavyeyi bari bitavye ivyo bikorwa bazanye abana babo.

Muri ivyo bikorwa, abana bahabwa bafise kuva ku mayinga 6 gushika kuri 59, baronka icunyunyu ca vitamin A , abafise kuva k’umwaka gushika ku nyaka 14, baronka ikinini c’inzoka ,abakenyezi bibungenze kuva ku mezi 4 nabo bahabwa ikinini c’inzoka n’icunyunyu ca fer na acide folique.

JPEG - 50 ko

Ku mavuriro atandukanye ivyo bikorwa bikaba bibandanya gukorwa kandi abavyeyi bakaba bitavye akamo batewe kuko ku mavuririo aho twaciye twahasanze abana batari bake bazananye n’abavyeyi babo.

Abakenyezi bari bazanye abana babo bakavuga ko bamaze gutahura iciza c’urwo rucanco ari naco gituma basaba abandi bakenyezi kwitaba iryo sekeza kugira bikingire bongere bakingire abana babo.

Mwomenya ko abana bafise amezi 18 bazoronswa urucanco rugira kabiri rw’agasama ariko bakaba bataruronka muri iryo sekeza kuko babwirizwa gukurikiza ikirangamisi c’urwo rucanco mu gihugu cose.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.