IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingaruka z’isoko yahiye zibandanya kwibonekeza

Ingaruka z’isoko yahiye zibandanya kwibonekeza

dimanche 9 Ruheshi 2013

Imbere y’uko isoko nkuru ya Bujumbura isha, ubuzima bw’abadandaza b’abarundi bwaragendeka kuko bazinduka ku mirimo bakarondera ubuzima nk’abandi barundi bose.

Maragarita ni umwe mu banyagihugu batakaje ivyabo mu mpanuka y’umuriro w’isoko nkuru ya Bujumbura, umutima w’ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi, yahiye ku genekerezo rya 27 Nzero 2013 mu kiringo c’amasaha atari make. Uwo mupfakazi w’abana bane ubu atunzwe no gusegereza yadandaza umuceri, ibiharage n’amavuta kandi akamenyesha ko urwo rudandaza rwari rumutungiye umuryango, ubu abana bakaba barahagaritse amashure bose.

Isoko nkuru ya Bujumbura yahiye ikaba yaje gusongera isibe ubutunzi bw’igihugu bwazingamitswe n’intambara igihugu cahozemwo kuva mu mwaka w’1993 gushika mu mwaka w’2006. Désiré Musharitse umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta amenyesha ko ubu ariho ingaruka z’isoko yahiye kandi ariyo n’ayandi masoko yo gihugu yasumiramwo ziriko ziribonekeza. Inyuma y’amezi atatu gusa ihiye, amafaranga yinjira mu kigega ca Leta yaragabanutse ku bice 20 kw’ijana.

Ku kivuko ca Bujumbura bamenyesha ko ububiko bugaragara kuko benshi batakija kurangura, amabanki nayo akaba atakibona abaza kubitsa amafaranga. Muri Interbank bamenyesha ko igitigiri c’abaza kubitsa cagabanutse ku bice mirongo itanu kw’ijana.

Audace Bizabishaka, umukuru w’ishirahamwe ry’abadandaza mu Burundi akanegura ko imfashanyo zatanzwe zitigeze zigera ku bahuye n’ayo makuba. Mw’ishirahamwe arongoye bakamenyesha ko abantu bagera ku bihumbi ijana aribo bakozweko n’isanganya ry’uwo muriro, ubu bamwe muribo bakaba badandariza mw’ibarabara ivyamwa kugira barabe ko boronka icorirenza.

Umushikiranganji w’ikigega ca Leta Tabu Abdallah Manirakiza aremeza ko amafaranga agera ku miliyalidi 2,6 z’amadolare zari zemewe muri uyu mwaka w’2013 turimwo ataratangwa n’abafasha igihugu c’Uburundi gisanzwe gikoresha amafaranga avuye mu mfashanyo ku rugero ry’ica kabiri.

Kubwa Faustin Ndikumana umukuru w’ishirahamwe PARCEM rihamagarira abarundi guhindura ingendo, abafasha Uburundi basaba intwaro ibereye, kwubahiriza agateka kazina muntu, kurwanya igiturire. Ntahakana ko n’amakungu ubu afise ingorane z’uburyo ariko akibutsa ko ibisabwa bitubahirijwe amakungu ashobora kudukurako amaboko.

JPEG - 38.6 ko
Faustin Ndikumana, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.