Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka zibonekeza ku mishatsi batsiba kenshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ingaruka zibonekeza ku mishatsi batsiba kenshi

Ingaruka zibonekeza ku mishatsi batsiba kenshi

vendredi 10 Nzero 2014

Gutsiba umushatsi vyoba bisugura iki? Bifise akamaro akahe, mbega abababikora baba bafise intumbero izihe, hoba hari ingaruka zihari kubabikora? Mbega hoho vyoba bivana n’imico kavukire? Ivyo ni bimwe mu bibazo vyibazwa n’abatari bake ku bijanye no gutsiba imishatsi.

Aho hambere hahise, mu Burundi, eka no mu bindi bihugu bitari bike, imigenzo n’imico vyari ibintu vyubahirijwe biboneka. Abantu bakurikiza imico n’inyifato bahawe mu miryango yabo n’abakiri bato akaba ariyo bagenderako.
Urwaruka rwaho hambere mu Burundi rwarigishwa ibijanye n’imico kavukire, rugatozwa indero rutegerezwa gukurikiza. Bimwe muvyo bigishwa, hari kwubaha abavyeyi, kugira ingeso n’imico myiza. Ariko, uko ibihe vyagenda birahinduka, n’iko n’imico y’abantu yahinduka bivanye n’itermbere rije mu gihugu.
Nk’akarorero, hari nk’ibintu bitakorwa aho hambere, ariko uko imyaka igenda bigahinduka. Aho twovuga nko gutsiba imishatsi kw’abigeme n’abakenyezi bitakorwa aho hambere bisigaye bikorwa muri kino gihe.
Gutsiba imishatsi bijanye no gusiga ivyo bita "Produit" kugira imishatsi igororoke canke ibinduke. Ariko, ababikora bose ntibaba bafise intumbero zimwe, kuko nivyo basiga bitaba ari bimwe.

IGIRANEZA Francine ari muri bamwe mu bigeme bo mu gisagara ca Bujumbura basanzwe batsiba imishatsi yabo. Kubwabo, babitumwa n’ukurondera ko imishatsi yabo yogororoka kandi bahindure uko baba basa "se relooker". Hakaba n’abitsibisha mu kugerageza kwishushanya n’abandi.

Mu bushakashatsi bwakozwe ku bijanye no gutsiba imishatsi, abahinga bavuga ko uko imishatsi itsibwa kenshi, ariko n’ivyunyunyu bikingira umushatsi bigabanuka, ivyo bigatuma mbere n’imishatsi y’impera (Cuir chevelu) yononekara. Helene Clauderer, umuhinga mu bijanye n’imishatsi, avuga ko gutsiba imishatsi agashika kabiri kuri gatatu mu mwaka bifise ingaruka mbi ku magara y’abantu.

Zimwe mu ngaruka zibonekeza inyuma yo gutsiba kenshi imishatsi, hari ukwuma kw’imishatsi ikamera nk’iyitakigira ubuzima, gucikagurika uko isokojwe na cane cane kumpera yayo, imishatsi ironda, ikagabanuka no ku mutwe. Hari n’abandi bidodomba ko imishitsi idakura neza canke iteba gukura.

Bishimikije ku karorero kavurwa ko impuzu imeswa cane ariyo ihera ningoga, abahinga bahanura ko abatsiba imishatsi bokwirinda kuyitsiba kenshi, canke gutsibisha produit idahwanye n’imishatsi baba bafise, bakiha igihe co kuyiruhurira imbere yo gusubira kuyitsiba. Kugira ise neza gusumba, borondera amavuta ahwanye n’imishatsi baba bafise haba kubafise iyoroshe canke iyigumye, bagasaba insiguro abasanzwe bayadandaza, ku bijanye n’amavuta bokoresha.


Mariella Bukuru

Messages

  • gutsiba imishatsi canke kuyisiga inombe amavuta yinka kwimwesha bimwe bita urukindo nibintu vyari muri culture yabarundi ariyo culture BANTU, abenshi bahavuye bahindura ivyo bitwa ngo nabantu bo mwishamba ,nshatse kubamenyeshako kutsiba ari ivya peuple africain meme les americains partout ils ont copier en afrique ,seulement ,is utilisent d autre produit que notre produit original ,certain massai restent avec cette culture seulement avec la civilisation europeenne ,on trouve sale.gutsiba , cest le domaine des peuples bantu

  • Gutsiba Imishatsi Ni Vyiza Cane Arko Ukugamana Naturel Navyo Birarenz Kuba Vyiza Kuko Ukingira Ubuzima Bwawe Ntibugire Ingorane Nkuko Zavuzwe.Uwo Bikunda Yogumana Naturel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.