Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingeso ndwi nziza ariko zitari nziza ku magara yacu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingeso ndwi nziza ariko zitari nziza ku magara yacu

Ingeso ndwi nziza ariko zitari nziza ku magara yacu

lundi 11 Ntwarante 2013

Kuvyuka kare,kunywa amazi menshi , kutiremereza mugufungura. izo mpanuro zose zoba ari ngirakamaro kuburyo bama bazidusubiriramwo ku magara yacu.

Nimurabe ingeso nziza mugabo zitari nziza na gato :

Kuva mu buto bwacu,hari inyifato nziza ku magara yacu no ku mibereho yacu twamye twigishwa n’abavyeyi,ibimenyeshamakuru hamwe n’abagangaTuremera ko kunywa amazi menshi ,gukora kare hamwe no guhunga izuba ni nkenerwa kugira umuntu agire ubuzima bwiza.Umushakashatsi leHuffington post aheruka kwandika akuraho ivyo twahora twibaza mu kwegeranya ingeso ndwi ariko atari nziza ku magara yacu .

-kunywa amazi menshi

Iritiro rimwe n’inusu ry ‘amazi ku musi itagabanije ni santiritiro imwe gusa .Abantu barakunda kuvuga ko amazi ari ubuzima kandi ko ari kunywa menshi ashoboka kugira umuntu agire amagara meza.Ariko muragabe ,nimba amazi ari nkenerwa kugira dushobore kubaho ,no kunywa menshi cane bishobora kugabanya irundanwa ry ‘isukari yo mu maraso.Kuvyerekeye amacupa yama plastike ,ivyo akozwemwo birashobora gufata amazi bigaca bikoroga ama hormone.

-Gufata umutobe w ‘ivyamwa utambiye

Aboba bibaza ko kunywa imitobe y ‘ivyamwa itambiye bavyitondere,umushingantahe coctail yaravuze ko ata nzoga zambiye,urubanza ruba rusara cane ,kusubiriza mojito n’umutobe w’ ivyamwa ntibiri vyiza na gato ku mubiri wacu. Mubisanzwe ama moctails ,nkuko zitwa zuzuye isukari nyishi cane ikaba kubwo abashakashatsi, yica kurusha mbere n’inzoga .Rero mushobora kwinezereza mutarinze gukoresha ibinyobwa bikaze,mugafata amazi y ‘ivyamwa bicanze bikanye aho gufata ibivanze na nectar hamwe na sirop.

-Kuvuga ingorane zawe

Kuganira n’urufunguruzo nkuko tubisoma muri kimwe mu bimenyeshamakuru vy ‘abagore .Ikibabaje nuko uko kuvuga ivyawe bishobora kugira ingaruka zitandukanye ku gatima ka muntu.Icigwa cakozwe na kaminuza yi colombia muri leta zunze ubumwe za Amerika,gusubiramwo no kugerageza gusuzuma ingorane yawe n’abagenzi bitera umutima mubi,ukubura amahoro, hamwe n’ihahamuka.Rero, umuti mwiza wo kubivamwo nuko umuntu yoshingira kukwiyumvira inyishu kurusha ingorane.

-Ukwinonora imitsi

Ego cane imyimenyerezo y’umubiri ubudasiba ni vyiza cane ku magara.Ariko abanonotsi bo ku musi w’Imana babivuga ni vyiza kobiruka inyuma y’amasaha y ‘isaha zine. Umushakashatsi wo muri kaminuza yi brunel yaratoye ko imyimenyerezo y ‘umubiri yo mu gatondo kakare ishobora kwica ukwigwanira kumubiri hama bigatera indwara z’ibiturire (infection). Rero, « kuberiki utogira izo pompaje zibiri canke zitatu uvyutse ? » ,ariko nivyiza ko ukora iyo myimenyerezo myinshi umusi ugeze hagati hakeye.

-Gufata izindi mfungurwa ziyongerako

A,B,C,D, ivyunyunyu nivyiza ku magara yacu kandi ibura ryavyo rirashitse .Ariko rero ntibihanuwe ko tureka kwitaba akamo ko gufata izo zindi mfungurwa ziyongerako.Ivyigwa vyinshi vyarerekanye ko gufata ivyunyunyu vyinshi nka fer manyesium,hamwe n’icunyunyu B6 vyongereza igitigiri co gupfa c’abakenyezi.ifata ry ‘icunyunyu E gishobora gutera ingwara ya kanseri ya prostate,Reka rero tureke ivyo binini ivyamwa nimboga nivyo vyo.

Haraheze imyaka myinshi ,ingwara ya kenseri yo k’urukoba irembeje abakunzi bo kwota akazuba.Ici ryose hama hari amasekeza yo kuyikingira kuburyo ata muntu numwe yubahuka gusohoka atashizeko amavuta akingira izuba .kwikingira izuba nivyakamaro ariko rero nimba mudashaka kurinda murakoresha birya vyunyunyu twari twababwiye ,mwomenya kokwiyanikira ku mishwarara y’izuba bikenewe kuko ibuza ibura vy’icunyunyu D mu mubiri.Abategetsi bo mu bwongereza barategekanya kumara iminota cumi kuzuba batisize yama vuta imbere yukobayisiga bikingira iryo zuba

-Gufata imfungurwa ‘light’

Nkuko twama twumva aho duciye hose ijambo « regime » muri iki gihe ,ivyokurya biremurutswe biragurishwa cane ku masoko ni nk’imikate.Ariko rero ifatwa ryazo riragoye kubera ko gukuraho ibinure nka omega -3 bishobora kuba ari bibi ku magara.Iyo aside iri no mw’ifi canke amanazi iri nkenerwa kwikora neza ry ‘ubwonko n’umutima bishobora mbere no gukinga ingwara yitwa arthrite.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.