IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ingingo yo kwirukana abanyeshure 6 bo kuri ETS Kamenge yahagaritswe

Ingingo yo kwirukana abanyeshure 6 bo kuri ETS Kamenge yahagaritswe

vendredi 3 Nzero 2014

Umushikiranganji ajejwe inyigisho mu mashure mato mato n’ayisumbuye, Rose Gahiru yarabonanye n’abigisha hamwe n’abasanzwe bashinzwe indero (Encadreurs) bo kw’ishure ry’imyuga ryo mu Kamenge ETS (Ecole Technique Secondaire de Kamenge.

Rose Gahiru, umushikiranganji w’inyigisho mu mashure mato mato n’ayisumbuye akaba yahagaritse ingingo yo kwirukana abanyeshure batandatu bari birukanywe kuri iryo shure, harimwo umwe yirukanywe burundu ariwe Mariko Ndereyimana yavuga ko yahawe ishano n’abandi banyeshure. Iyo ngingo yafashwe mu kurindira amatohoza azokorwa n’umurwi w’abahinga, nk’uko bimenyeshwa na Rose Gahiru, umushikiranganji w’inyigisho mu mashure mato n’ayisumbuye.

JPEG - 56.7 ko
Rose Gahiru, umushikiranganji w’inyigisho mu mashure mato mato n’ayisumbuye

Tubibutse ko abo banyeshure bari birukanywe bahorwa kuba barateye akajagari kuri iryo shure, ingingo yo kubirukana ikaba itigeze yumvikanwako n’abigisha bose.
Mariko Ndereyimana, umunyeshure wo kuri iryo shure ry’imyuga rya ETS Kamenge yavuga ko yahawe ishano n’akarwi k’abanyeshure biga aho kuri ETS, bamuhora ivyiyumviro vya poritike.
Yavuga ko yagiye gufungura mu buriro bw’ishure nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, agire aratamiye kabiri, araheza arumva ko izo mfungurwa zitameze neza, haciye akanya yumva amerewe nabi, ari nakwo guca yihutira kuja kwa muganga. Mariko Ndereyimana yemeza ko yahawe ishano n’akarwi k’abanyeshure bamuziza ko ari mu mugambwe MSD. Ubuyobozi bw’iryo shure bwaciye bufata ingingo yo kumwirukana, bumwagiriza kuba ahubwo ariwe yihaye ishano kugira akorere inteba ishushe bagenzi we.


Floxella Karire

Messages

  • "Inka ikamwa"-Plan mafieux des anti-DD
    Abiga baba muri internat barazi ko sayine z’ijoro haba hageze kuja mu busaswa. Haba mu ngo canke mu mashure, nibaza ko gupfungura bwije bishobora gutera akajagari. Uwo munyeshure yapfunguye 22:00H, birumvikana ko hari aho yagorobeje hama bagenzi be bamubikira izo ndya avuga ko yasanze mwo ishano. Imbere ko aja kwa muganga, nibaza ko hatari habuz’umurezi bicuditse amufashe kumujana kwa muganga canke ahamagare ambulance. Ico bikoze, gikuru ni uko umutekano no kubaha abarezi bigaruka kuri ETS. Rero ministre Rose Gahiru nkabona yavyifashe mwo neza mu kuba aratohoza neza ivyabaye.

  • Au moins Gahiru!
    Abandi ntakigenda!

  • Au moins Gahiru!
    Abandi ntakigenda!

  • Kuri iyo nkuru numvis je kubwanje nuko mwobatunganiriza neza kandi uwo kwagigwa ikosa mwo muhanura kugira ntasubire gukora ayo makosha.kuko akera baduciriye umugani bati"igiti kigorogwa kiri gito"

  • Jewe nama nasemereye. None nk’umuntu avuga ko hariho uwihaye ishano, mwumva nkuyo bomufata ngwiki?Hama ga Golman’nzi wanditse nawe ibintu biteye ubwoba naho wahejeje neza. Ngo gufungura 22:00 H bituma umuntu ashobora kurya ishano. Hama ngo hariho umurezi yamutabarije kubera bicuditse? Wewe uri umurezi warikubigenza nte?Ndumva ko iyaba ari wewe uyo munyeshule yaguma aho gushika ico bamuteze kimuhitanye. (Nimba nagutahuye neza). Hanyuma nibaza ko Umushikiranganji yavyifashemwo neza, mugabo iyaba uwundi yarikugenda ahagaritse Umuyobozi mukuru kubera ntiyera. Yagirizwa navyinshi kandi na benshi.Biboneka ko abifisemwo uruhara. Mugabo uburundi ntibworohewe buriko burera urwaruka uko, rwerekana ko arivyiza ko uwo mudahuje arukumuha ishano akarenguka nawe ugasigara wenyene. N’akamaramaza.

  • Ivyo vyose vyokunda umunt yitwa nkeshimana j. claude batazira comisseur atakir kuri ets kamenge kuko niwe akoza akajagari ntabanyeshur nabamw ngo bakimufitiy icizere basaba yuko yohagarikwa kuba gestionnaire wo kwiryo shule. Rose gahiro nawe nakomere kwibanga yahawe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.