Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingorane zivuye kukudahuza kw’imirwi y’amaraso kububakanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingorane zivuye kukudahuza kw’imirwi y’amaraso kububakanye

Ingorane zivuye kukudahuza kw’imirwi y’amaraso kububakanye

mardi 25 Ruhuhuma 2014

Noba ndi mu murwi w’amaraso uwuhe? Ni ngombwa ko umuntu awumenya? Akamaro ko kuwumenya ni akahe? Hoba hariho ingorane zivuye ku kudahuza kw’imirwi y’amaraso hagati y’abubakanye? Ivyo ni bimwe mu bibazo abatari bake bibaza ku bijanye n’imirwi y’amaraso.

Naho abantu bose bafise amaraso asa co kimwe, ntibari mu mirwi imwe. Mu gisata c’ubuvuzi, bavuga yuko hari imirwi ine y’amaraso ariyo A, B, AB na O. Iyo mirwi yose, umwe umwe wose ugira ivyo bita "Rhesus positif na negatif", arivyo bica bigira imirwi umunani y’amaraso. Kugira umuntu amenye umurwi w’amaraso arimwo, ategerezwa kubanza kwipimisha.

Muti none ni ngombwa ko umuntu amenya umurwi w’amaraso arimwo?

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa kabiri wa 25 Ruhuhuma 2014, muganga Ndihokubwayo Georgette, icegera c’umuyobozi w’ikigo CNTS (Centre Nationale de Transfusion Sanguine) yamenyesheje ko ari ngombwa ko umuntu ategerezwa kuba azi umurwi w’amaraso arimwo.
Muti kuki? Inyuma y’impanuka umuntu ashobora kugira agasesa amaraso menshi bigasabwa ko bamwongerereza ayandi y’umurwi yarimwo. Hari n’izindi ngorane zikunda kwibonekeza mw’irondoka bivuye ku kudahuza kw’imirwi y’amaraso, bifatiye kuma rhesus y’imirwi itanywanye. Aho bikunze kwibonekeza kuri ukwo kudahura rw’amaraso "incompatibilite" ni mu gihe umukenyezi mu murwi w’amaraso aba arimwo, aba afise rhesus negatif. Ni ukuvuga ko mu maraso yiwe, atabasoda bakingira umubiri aba afise ariyo bita ama antigene yategerezwa gufasha uwo mukenyezi kwakira amaraso y’uwundi muntu baba badasangiye umurwi na rhesus.

JPEG - 50.6 ko
muganga Ndihokubwayo Georgette, icegera c’umuyobozi w’ikigo CNTS (Centre Nationale de Transfusion Sanguine)

Akarorero, umukenyezi afise umurwi w’amaraso A- yubakanye n’umugabo afise A+, umwana yibungenze agaca agira A+, ni ukuvuga ko muri uwo mukenyezi haba hinjiye muriwe ikintu kidahwanye n’umurwi w’amaraso yiwe, ari naho aca akora ama anticorps amukingira amaraso y’umwana yibungenze. Iyo rero abashikiwe n’izo ngorane batihutiye kwa muganga kugira baronke impanuro bokoresha canke imiti yo kwikingira, inkurikizi zica zibonekeza muri ico gihe, ni imbanyi ziguma zikoroka canke abana bapfa bakiri bato canke mbere ntasubire no gusama.

Muganga Ndihokubwayo Georgette agahamagarira abantu bose kwipimisha imirwi y’amaraso barimwo na cane cane kuri abo bipfuza kwubaka urwabo kugira bakingire amagara y’abana. Asaba kandi ko abantu bokwirinda kwihebura mu gihe basanze hari ukudahura kw’amaraso n’abo bubakanye.

Mwomenya ko ku mbanyi zose zisamwa, ibice 10 kw’ijana arizo zivuka, 90 kw’ijana zigakoroka. Muti kuki? Inkuru tuzobandanya kuzobashikiriza hanyuma


Mariella Bukuru

Messages

  • ndabaramukije:nitwa jean claude nkurunziza.nagira mbaze nti none bapimira iyo mirwi yamaraso ku mavuriro ayahe ku giciro kingana gute?mrakoze

  • niyaba muri i Bujumbura kwipimisha imirwi y’amaraso, ni mu kigo CNTS (Centre Nationale de Transfusion Sanguine ). kuwutanze amaraso bamupima ata mafaranga arinze gutanga. Niyaba muri hagati mu gihugu, murabaze ibigo CRTS centre Regionale de transfusion sanguine

  • Ndabashimiye muzohore mudushikiriza inkuru zitwigisha nk’izi nyene.

  • NDABASHIMIY GOSE MWEBWE MWIZ IVY’IRONDOK RIJANY N’AMAGARA MEZ KWIZO MPANURO MWAMA MURIKO MURADUHA,TUBASABA KWAMA MUTUBA HAFI ,KUK BENSH AMAGORE BARAPFISHA ABANA ,BAKAVUGA KO BABAROGEYE ATARIVYO.MURAKOZ CANE IMANA IKOMEZ KUBONGEREREZA UBWENGE BWINSHI.MUGIRE UMUGISHA MUVYANYU NO MUBANYU.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.