Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa : Ahakorera inama nshingamateka hasutswe umwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Ahakorera inama nshingamateka hasutswe umwanda

Ubufaransa : Ahakorera inama nshingamateka hasutswe umwanda

vendredi 17 Nzero 2014

Ingoro ikoreramwo inama nshingamateka y’igihugu c’Ubufaransa yazindutse yugarijwe n’ikirundo c’umwavu.

Ivyo vyabaye mu gitondo co ku munsi wa kane w’igenekerezo rya 16 Nzero, aho basanga imbere y’ingoro y’Inama nshingamateka y’Ubufaransa hari ikirundo kinini c’umwavu unuka cane. Imodoka yasutse uwo mwavu w’ubwoko bwose, yari yanditseko uku : "Hollande n’abo mukorana poritike, hanze!"

Amakuru duhabwa n’ikinyamakuru Reuters amenyesha ko umudereva w’iyo modoka yahavuye afatwa nk’igihe c’isaha zitanu «11h00» aca agenda gusambishwa.

Mu gihe ivyo vyariko biraba, umuhora ntangazamakuru w’Ubufaransa AFP waciye uronka ubutumwa «mail» bumenyesha ko uwo mugabo yagomvye kwerekana agashavu afise, kugira umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande azokwame yibuka ko intwaro yiwe hari abo itanezereza."

Ayo makuru nyene abandanya amenyesha ko François Hollande yatowe mu mugambwe w’aba «Socialiste» asanzwe adakundwa kandi ko kenshi bakunda kumuvugako vyinshi vyo mu buzima bwiwe. Aho ni mu gihe baherutse kumwagiriza ko yarenze ibigo, bikaba bivugwa ko n’umupfasoni wiwe yoba ari mu bitaro kubera intuntu y’ibivugwa ku mugabo wiwe.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ywbabawe??? Mbega umuswa ubona iyo ayituriza risanse iriya nybakwa yabariya bo nonyi baba faransa batwiciye nigihugu none ko yafashwe imyanda nyo bayikubuye wumva yakoze iki? Ni bamupfunge kuko yateye corera ba rugereka ubona yobafata bakaza kwivuriza muri vyabitaro ryi wacu baheruka kutwubakira ikaruzi tukabanza tukabicarika amasaha2 kubera uriya mwanda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.