Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inkino zihuza amashuri zisa no gutegura amatuta y’abakinyi ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Inkino zihuza amashuri zisa no gutegura amatuta y’abakinyi ba (...)

Inkino zihuza amashuri zisa no gutegura amatuta y’abakinyi ba kazoza

lundi 3 Ruhuhuma 2014

Inkino zikinwa n’imirwi iserukira amashuri yo mu Burundi zigeze mu gice c’umunani c’amahiganwa y’igikombe. Amashuri yo mu gisagara ca Bujumbura yakinye n’amashuri yo mu ntara ya Bujumbura bita «Bujumbura Rural».

JPEG - 29.9 ko
Michel Niyomasabo arongoye inkino

Mu kigo ca «Lycée Scheppers de Nyakabiga», kuva ku munsi w’ejo igenekerezo rya 2 Ruhuma 2014, igihe c’isaha 9h00 z’igitondo, hariko habera amahiganwa y’imirwi ikinira amashuri mu igice c’umunani c’inkino. Kuri uwo munsi, abana baserukira amashuri mu nkino bo mu ntara ya Bujumbura bita «Bujumbura Rural» bahuye nabo muri Bujumbura Mairie II.

Michel Niyongabo, umwigisha w’inkino kuri «Lycée Municipal Rohero» niwe arongoye izo nkino. Avuga ko intumbero y’izo nkino, ari guhuza urwaruka ruva mu mihingo itandukanye y’Uburundi, kandi ko inkino zo mu mashuri ari nk’umunzane wokuraba kazoza k’umwana mu kwinonora imitsi.

Michel ati: «inkino nk’izi zihuza urwaruka rwinshi rushoboka, rugahurira mu nkino zitandutanye, dusanga turiko dutegura amatuta «pépinière», aho abanonotsi canke abakinyi ba kazoza k’igihugu bazova». Abandanya amenyesha ko izo nkino ziriko ziba mu gihugu cose zizorangira ku magenekerezo ya 08 na 09 Ntwarante i Gitega.

Muri izo nkino, hari amashuri yerekanye ubuhinga buhanitse mu gutsinda, ayo ni nk’umurwi w’umupira w’amaboko «Volley ball» wo kw’ishuri y’imyuga ry’i Mutumba «ETG Mutumba» watsinze «Lycée Vugizo». Akandi karorero, ni urukino rwa «Rugby» rwahuje «Lycée Rohero» na Kajaga, aho uwo murwi wanyuma waronse amanota 2 kuri 14 ya «Lycée Rohero»

Inkino zikurikira zo mu gice ca 4 gishira ica nyuma zizoba kw’igenekerezo rya 22 na 23 Ruhuhuma i Ngozi.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.