IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Insamirizi RPA yahatswe gufatwa n’umuriro

Insamirizi RPA yahatswe gufatwa n’umuriro

vendredi 22 Munyonyo 2013

Insamirizi RPA (Radio Publique Africaine) isaba abakunzi bayo kuyihanganira ku kibazo c’ibiganiro n’amakuru bitariko biraboneka ku masaha n’umwanya vyagenewe. Ingorane z’ubuhinga bw’ivyuma ziyadukije kuri uwu wa gatanu zahatswe gukwega umuriro muri iyo nsamirizi.

Abakunzi b’insamirizi RPA (Radio Publique Africaine) ntibashoboye gushikirizwa amakuru n’ibiganiro bitandukanye ku mwanya vyari bitegekanijwe kuri uwu wa gatanu igenekerez rya 22 Munyonyo 2013. Mu gisata kijejwe ubuhinga muri iyo nsamirizi bamenyesha ko habaye ingorane mw’iteranirizo n’ihuriro z’intsinga z’amatara. Iyo ngorane yatumye haba ivyononekara yatumye iyo nsamirizi idasubira kubandanya gukora nk’uko vyari bitegekanijwe. Umwe mubajejwe ubwo buhinga akaba yahakomerekeye.

Mu gisata kijejwe ubuhinga muri RPA baracariko baraharura ivyononekariye muri iryo sanganya ryahatswe gutuma haduka umuriro. Basaba abakunzi b’iyo nsamirizi kwihanganira umwanya uza urarenga kuwuba wateguriwe amakuru canke ikiganiro. Bararemesha ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira ico kibazo gitorerwe inyishu. Mu masaha akwirikira, ico kibazo nicamara gutorerwa inyishu, ibiganiro n’amakuru bica bisubira ku mwanya wavyo nk’uko vyari bisanzwe.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.