Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intamba mu Rugamba(U23) zasezeye amahiganwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba(U23) zasezeye amahiganwa

Intamba mu Rugamba(U23) zasezeye amahiganwa

lundi 13 Ndamukiza 2015

Umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba z’abaterenza imyaka 23 wakuwe mu mahiganwa n’igihugu ca Egypte. Hari mu rukino rwogusubiza rwabereye aho muri Egypte nyene.

JPEG - 270.8 ko
Intamba zifise munsi y’imyaka 23 zatanguye mu kibuga

Ibitsindo bibiri (2) vya Egypte ku busa bw’Uburundi (2-0) vyinjiye mu rukino rwo ku munsi w’Imana igenekerezo rya 12 Ndamukiza, ku kibuga Suez Stadium kiri muri Egypte. Amakuru ava aho muri Egypte avuga ko ibitsindo vya Egypte vyinjijwe n’abakinyi bambaye inomero 10 na 9.

JPEG - 261.2 ko
Abari bagize umurwi nserukira gihugu wa egypte batarenza imyaka 23

Ayo makuru avuga kandi ko abakinyi b’Intamba bavyifashemwo neza naho batsinzwe. Imbeho yari nyinshi aho muri Egypte nk’uko biboneka ku mafoto y’abakinyi bari barindiriye kugombora, bicaye bifutse uburengeti ku maguru. Intamba mu Rugamba zitarenza imyaka 23 zasezeye amahiganwa inyuma yo gukina n’ibihugu 2, Congo na Egypte).

Mwomenya ko urukino rwabaye ata murorerezi n’umwe yererewe kwinjira mu kibuga cariko kiberamwo urukino, kiretse abari bafise ico bajejwe mu nteguro y’urukino. Vyoba vyavuye ku mvo z’umutekano. Bitegekanijwe ko abakinyi bava muri Egypte kuri uwu wa mbere.

JPEG - 222.1 ko
Abakinyi barindiriye kugombora bifutse uburegeti kubera imbeho

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.