Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intoki zambarwako impeta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Intoki zambarwako impeta

Intoki zambarwako impeta

vendredi 31 Rusama 2013

Kenshi na kenshi abantu bahitamwo kwambara impeta ku kuboko kw’ibubamfu abandi ku kuboko kw’iburyo. Gusa ibi ntaho bitandukaniye ahubwo biterwa n’ahabangukira umuntu. Tugiye kurabira hamwe ubudasa ni ico bisobanura bivanye n’urutoki ruriko impeta.

Urukumu

Nk’uko urwo rutoke ari runini kandi rukaba rukora buri gihe cose izindi zikora, iyo ushizeko impeta biba bisobanura ko wigenga, kandi ko wikunda.

Urukurikira urukumu: nkombarukoko

Ibi bisobanura ubutware kuko ari narwo bakoresha iyo umuntu agutunga urutoke ashaka kukubwira ko ivyo uriko urakora atari vyiza kandi akabikora agaragaza ko akuyobora.

Urutoke rurerure: nsumbazose

Uru ni urutoke rurerure rusumba zose kandi ruranagororotse gusumba izindi. Kurwambarako impeta ngo bisobanura ko umuntu ashinga intahe ko afise umuryango n’abakunzi (sosiyete) kandi ko aharanira kwiteza imbere.

Urugira kane: gihugunibenga

Uru ni urutoke rako impeta isobanura ko umuntu yarangije guhitamwo akamwegurira ubuzima bwiwe bwose ngo babusangire ,ikaba yambara umuntu washingiwe canke yihebeye Imana.

Agahererezi

Urwo ni urutoke rukunda kuba rwegereye urururi iruhande. Kwambara impeta ngaho bikaba bivuga ko ufise uwundi muntu canke ko utishimiye ico uri co. Bisobanura kandi ko ata mutekano ufise, canke ko utaboneka uko utipfuza kuba woboneka, abandi bakubona uko wewe utari. Mu bijanye n’urukundo vyerekana ko wabuze amahitamo mbere ko vyakuyobeye vyose.

Nk’uko bigaragara rero, si vyiza gushira impeta aho wiboneye hose kuko ishobora gutanga amakuru anyuranye n’ay’ukuri abantu bakumenyako, bikaba vyotuma bakwibeshako canke bakwibazako cane ibitari vyo.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.