Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intozo zibiri zahanywe kuko ziyivye mu kwihumira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Intozo zibiri zahanywe kuko ziyivye mu kwihumira

Intozo zibiri zahanywe kuko ziyivye mu kwihumira

mercredi 10 Mukakaro 2013

Intozo zibiri, indarukazi n’impwerumpe zo muri Leta zunzubumwe za Amerika zafashwe zarenze amategeko mu gihe zariko zirihumira kandi nyene kuzitunga atavyipfuza, niko guca azugaranira ahantu, ariko zose araheza azisigira akanya k’uguhema, mu gihe zagumye zibweja kubera kumara umwanya munini zugaranywe, zikaba zatabawe n’igipolisi.

Impwerumpe yugaraniwe mu kazu gafise uburebure bw’imetero kwadarato imwe iruhande y’igikoni mu muryango uja hanze y’inzu. Ako kazu rero ngo ni gato naho nyene iyo mpwerumpwe yibaza izoshobora guhema, ariko rero siko vyagenze kuko iyo mpwerumpe yaragize ingorane zijanye n’ihemero.

Muri izo ntozo zibizi rero iyababaye cane ngo n’indarukazi, kuko igipolisi casanze imeze nabi kubera yagize ingorane cane zijanye n’uguhema. Uretse ko umwanya iyo ndarukazi yamaze itashoboye gufungura neza, yoyo yari yugaraniwe mu munsi y ‘akagege gafise isantimetero 80 zija munsi, isantimetero 50 z’uburebure hamwe na 60 z’ubwaguke.

Uwakoze ivyo rero ubu ariko arasabirwa ibihano n’abakurikirana agateka k’ibitungwa, mu gihe bemeza ko ivyo vyabaye ababanyi biwe atariho bari. Yasabiwe ko bomutwara ahantu bakamukosorerayo, kuko iyo udashoboye kwubahiriza agateka k’intozo utunze, ntushobora kwitwararika agateka k’umuntu nkawe.


Paterne Nsengiyumva

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.