Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inzira zicamwo imodoka zikinga impanuka zarateguwe mw’isoko kwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Inzira zicamwo imodoka zikinga impanuka zarateguwe mw’isoko kwa (...)

Inzira zicamwo imodoka zikinga impanuka zarateguwe mw’isoko kwa Siyoni

jeudi 11 Mukakaro 2013

Mu ntumbero yo kurinda impanuka z’umuriro zoshobora kuba mw’isoko yo mu Buyenzi, aho benshi bita kwa Siyoni, harateguwe inzira zizocamwo imiduga ikinga impanuka, zongera ziranagurwa kuburyo bitazogorana kwinjira hagati mw’isoko.

Aho bagenzi bacu baca kuri iryo soko ryo mu Buyenzi, basanze koko izo nzira zaraciwe, nivyoshora kubuza canke kugora imiduga ikinga impanuka kwinjira no kurengana, vyarakuwe mu nzira. N’ubwo biri ukwo, hari igihe abadandaza bamwe bamwe baza kwanda ibidandazwa vyabo mu makiyoske.
Clovis Nzisabira, komiseri w’iryo soko ya Buyenzi yamenyesheje ko vyabasavye inguvu nyinshi bongera bahabera magabo mu guca no kwagura inziza, kuko abadandanza bo bagomba kudandariza mu bibanza vyose bigaragara. Yabandanije avuga ko ivyo bikorwa vyo guca inzira muri iyo soko vyakozwe hafashije abakora mu gipolisi gikinga impanuka.

Ku bwa Clovis Nzisabira, biciye mu nama zagiye zirakorwa kugira ibikorwa vyo guca inzira kw’isoko kwa Siyoni bikorwe, abandandariza muri iyo soko bahavuye batahura ko ari ku nyungu z’abo mu gukingira isoko impanuka z’umuriro zoshobora kwaduka. Ubu, nta ntambanyi bagitera ku ngingo zose zifatwa kuri iyo soko.
Komiseri yamenyesheje ko imiduga izimya umuriro yategekanijwe kuza kuzimya umuririro wo kwiyadukiza mu kurindira ko abajejwe kuzimya bahishikira. Abajejwe umutekano n’abarara izamu baramaze kuronswa inyigisho zikwiye ku bijanye n’ingene bozimya umuriro.

Abadandaza bo kuri iryo soko, basavye ko hoshirwaho ibito vy’amazi hafi bizoshobora gufasha imiduga kuko amazi ahari adakwiriye. Mu ngingo z’umutekano zafashwe ku bw’iryo soko, Komiseri Nzisabira yavuze ashimika ko intsinga zitwara umuyagankuba muri iryo soko, ari abajejwe isoko gusa bazobiraba. Ikindi naco, amaduka yonyene yubatswe kijambere niyo azokwatswa n’umuyagankuba. Uburiro nabwo bwahora bukorera mw’isoko indani, bugiye gukorera inyuma y’isoko. Idandazwa ry’ama essence canke amazutu naryo nyene rirabujijwe. Isoko nayo, izoza irugara iminsi yose isaha cumi na zibiri z’umuhingamo, mw’ijoro bace batsa amatara kugira bakurikiranire hafi ahoza hadukira umuriro.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.