Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Iran : Abapfungwa ba politike 11 bararekuwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Iran : Abapfungwa ba politike 11 bararekuwe

Iran : Abapfungwa ba politike 11 bararekuwe

jeudi 19 Nyakanga 2013

Amakuru ava mu gihugu ca Iran amenyesha ko harekuwe abapfungwa ba politike 11 harimwo uwuharanira uburenganzira n’agateka ka zina muntu Nasrin Sotouden, hamwe n’umunyapolitike aharanira ihinduka ry’ibintu Mohsen Aminzadeh.
Muri abo bapfungwa, harimwo kandi abagore 8 n’abagabo batatu.

Iyo ngingo yafashwe mu gihe hasigaye iminsi mike gusa kugira umukuru w’igihugu mushasha wa Iran, Hassan Rouhani aje i New York mu nama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu.
Hassan Rouhani yari yarasezeraniye abanya Irani, igihe yiyamamaza, ko niyatsinda azorekura abapfungiwe imvo za politike.

BBC dukesha iyi nkuru imenyesha ko umukuru w’igihugu Rouhani yavuze ko ikete aheruka kwandikirwa n’umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika, Barack Obama, yarifashe nk’iryubaka kandi ko ririmwo ibintu vyiza.

Mu kiganiro yagiranye n’imboneshakure NBC yo muri Amerika, Hassan Rouhani, yamenyesheje ko afise ububasha bwuzuye bwo kwumvikana n’ibihugu vy’iburaya na Amerika ku mugambi w’igihugu ciwe y’inguvu z’ibirwanisho nucleaire.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.