Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isandugu izoshingurwamwo Mandela yashitse i Pretoria - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Isandugu izoshingurwamwo Mandela yashitse i Pretoria

Isandugu izoshingurwamwo Mandela yashitse i Pretoria

mercredi 11 Kigarama 2013

Mu ma barabara yo muri Afrika y’Epfo yuzuye abantu isinzi baherekeje imodoka ireruye isandugu igiye gushirwamwo ikiziga ca nyakwigendera Nelson Mandela. Bagenda bagana i Pretoria ku cicaro c’ubutegetsi bw’ico gihugu. Ni akaryo keza ko gusezera iyo ntwari yaryamiye ukuboko kw’abagabo.

Isandugu igiye gushirwamwo ikiziga ca Madiba ifukishijwe n’ibendera ry’igihugu ca Afrika y’Epfo, iri mu modoka itwara ibiziga ifise ibiyo vyirabura n’izindi modoka ntaharurwa eka n’amapikipiki ikirenga, ari inyuma aherekeza iryo sandugu. Imbere y’uko banduruka bava ku bitaro vy’abasirikare, abakozi baho, begeranye maze batera isama ry’indirimbo zishimagiza uwo yitanze mu kurwanya intwaro mbi ya karyanisha miryango. Abantu amajana n’amajana barindiriye abaherekeje Nelson Mandela ari mw’isandugu.

Hirya no hino mu gisagara, hariko humvikana indirimbo zitandukanye ziriko zivuga umuntu umwe rudende, amahoni ariko avuzwa, urumbeti ruriko rusamirana gusumba uko baruvuza ca gihe bakira inkino z’umupira w’amaguru z’isi yose. Igisagara cose kiriko kiririmba ubutwari bwa Mandela.

Iryo sinzi ryose ririko rikwirikira iryo sandugu, riza guca mw’ibarabara ryamwitiriwe « Rue Madiba » bagenda bagana Pretoria ku cicaro c’ubutegetsi bw’ico gihugu. Muri ico kibanza niho ikiziga ciwe kiza gushirwa ahabona. Mu masaha aza, y’uno munsi w’igenekerezo rya 11 Kigarama, abaserukira ibihugu vyabo n’abanyacubahiro batandukanye bo mu makungu baraza kwunamira ico kiziga. Abandi bantu bose bavyipfuza baza kumwunamira mu masaha y’umuhingamo. Ni akaryo keza ko gusezera uyo mushingantahe atazibagirwa kw’isi nzima.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.